Zaburi 35:1-28

Ni izaburi ya Dawidi. 35  Niwifatire mu minwe urubanza rwanje, ewe Yehova, urwo mburana n’abandwanya+;Nurwanye abandwanya+.   Fata inkinzo ntoyi be n’iyagutse+,Uhaguruke umfashe+,   Usokore icumu n’ishoka irimwo zibiri uhure n’abankurikirana+.Bwira umutima wanje uti: “Ni jewe bukiriro bwawe+.”   Nibamaramare, bateterwe, abahiga ubuzima bwanje+.Nibasubizwe inyuma, barye ivyatsi, abaja umugambi wo kunteza ivyago+.   Nibacike nk’umuguruka imbere y’umuyaga+,Kandi umumarayika wa Yehova abahinde+.   Inzira yabo nicike umwiza n’ahantu hanyerera+,Kandi umumarayika wa Yehova abakurikirane.   Kuko banyegeje icobo gishasheko urusenga ngo ndakigwemwo, ata gituma+;Bacimbiye ubuzima bwanje ata gituma+.   Agatikizo nikamuzeko atabizi+,Urusenga rwiwe yanyegeje rumucakire+;Narurwemwo, atikire+.   Mugabo umutima wanje nunezerwe muri Yehova+;Niwigine mu bukiriro bwiwe+. 10  Amagufa yanje yose navuge+ ati:“Ewe Yehova, ni nde ameze nkawe+,Arokora umurushwa akamukiza uwumurusha inkomezi+,Umuntu w’umurushwa kandi w’umworo akamukiza uwumwambura+?” 11  Ivyabona vy’inkazi birahaguruka+;Bimbaza ivyo ntazi+. 12  Bampemba ibibi ku vyiza+,Bagatera intuntu umutima wanje+. 13  Nayo jewe, igihe bari barwaye, icambarwa canje ryari igunira+;Nibabarisha ukwisonzesha+,Isengesho ryanje rikagaruka ku gikiriza canje+. 14  Nk’aho yoba ari umugenzi, nk’aho yoba ari mwene wacu+,Nagendagenda nk’uwugandariye nyina+.Narajondama, nishwe n’umubabaro. 15  Mugabo igihe naba ncumbagiye baranezerwa, bagakoranira hamwe+;Barakoranira hamwe ngo bandwanye+,Bakankubita hasi ntabizi+;Barantabagura ntibacereze+. 16  Mu batwenzi b’abahuni bironderera ico birira+,Hari ukumpekenyera amenyo+. 17  Ewe Yehova, uzoguma ubibona kugeza ryari+?Garukana ubuzima bwanje ubukize ukuyogeza kwabo+,Ubwo mfise bwonyene+ ubukize intambwe z’imikangara z’imigāra. 18  Nzoguhaya mw’ishengero rinini+;Mu bantu benshi nzogushemeza+. 19  Ese ababaye abansi banje ata mvo batonyigambako+;Nayo abanyankira ubusa, ntibavune urugohe+. 20  Kuko amahoro atari yo bavuga+;Mugabo ku bwo kugirira nabi abitekaniye bo kw’isi,Baguma bategura ivy’ubuhendanyi+. 21  Batāburura akanwa kabo ngo bandotse+.Bavuze ngo: “Ahaa! Ahaa! Ijisho ryacu ryabibonye+.” 22  Wabibonye, Yehova we+! Ntugume wicerereje+.Ewe Yehova, ntugume kure yanje+. 23  Vyuka, wikangurire urubanza rwanje+,Ewe Mana yanje, wewe Yehova, wikangurire imburano zanje+. 24  Ncira urubanza nk’uko ubugororotsi bwawe buri, ewe Yehova Mana yanje+,Ntibanyigambeko+. 25  Ese batovuga mu mutima wabo ngo: “Ahaa! Ico twagomba ni ico+!”Ntibavuge ngo: “Turamumize+.” 26  Nibamaramare barye ivyatsi bose hamwe+,Abo banezererwa ivyago vyanje+.Nibambikwe ibimaramare+ n’agateterwe, abo banyiryako+. 27  Nibihe akamo k’umunezero, banezerwe, barya bahimbarwa n’ubugororotsi bwanje+,Bame bavuga+ bati:“Yehova nashimagizwe, we ahimbarwa n’amahoro y’umusavyi wiwe+.” 28  Kandi ururimi rwanje niruvuge ubugororotsi bwawe n’ijwi ritoyi+,Rugushemeze burinde bwira+.

Utujambo tw'epfo