Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 34:1-22

Ni izaburi ya Dawidi, igihe yigira umusazi+ imbere ya Abimeleki, bigatuma amwirukana, akagenda. א [ʼAlefu] 34  Nzohezagira Yehova ibihe vyose+; Ishemezo ryiwe rizokwama mu kanwa kanje+. ב [Beti]   Umutima wanje uzokwirata muri Yehova+; Abatekereza bazokwumva banezerwe+. ג [Gimelu]   Yoo! nimuninahaze Yehova hamwe nanje+, Dushirane hejuru izina ryiwe+! ד [Daleti]   Narasiguje Yehova, na we aranyishura+, Andokora mu binca ivutu vyose+. ה [Heʼ]   Baramwitegereje, barakayangana+, Mu maso habo ntihoshobora kumaramara+. ז [Zayini]   Uyu murushwa yarahamagaye, Yehova ubwiwe arumva+. Yaramukijije amarushwa yiwe yose+. ח [Heti]   Umumarayika wa Yehova akambitse irya n’ino y’abatinya Imana+, Kandi arabakiza+. ט [Teti]   Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe+; Hahiriwe umuntu w’umugabo ahungira muri we+. י [Yodi]   Nimutinye Yehova, yemwe beranda biwe+, Kuko abamutinya ata co babura+. כ [Kafu] 10  Intambwe z’imikangara z’imigāra ubwazo zaraburaniwe zirasonza+; Yamara abarondera Yehova bobo, nta kintu ciza bazobura+. ל [Lamedi] 11  Nimuze, bana, munyumvirize+; Ugutinya Yehova ni kwo nzobigisha+. מ [Memu] 12  Ni nde muntu ahimbarwa n’ubuzima+, Akunda imisi ihagije ngo abone iciza+? נ [Nuni] 13  Zigama ururimi rwawe ururinde ikibi+, N’iminwa yawe uyirinde kuvuga ivy’ubuhendanyi+. ס [Sameki] 14  Nureke ikibi, ukore iciza+; Rondera amahoro, uyakurikirane+. ע [ʽAyini] 15  Amaso ya Yehova ari ku bagororotsi+, Kandi amatwi yiwe ari ku gutabaza kwabo+. פ [Peʼ] 16  Amaso ya Yehova arwanya abakora ikibi+, Kugira abarandure ntibabe bakivugwa kw’isi+. צ [Tsade] 17  Bararize, Yehova na we ubwiwe arumva+, Arabarokora abakiza amarushwa yabo yose+. ק [Kofu] 18  Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse+; Kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza+. ר [Reshi] 19  Ivyago vy’umugororotsi ni vyinshi+, Yamara Yehova aramurokora akabimukiza vyose+. ש [Shini] 20  Arinda amagufa yiwe yose; Nta na rimwe muri yo ryavunywe+. ת [Tau] 21  Ivyago bizokwica umubisha+; Kandi abanka umugororotsi bazoharurwako icaha+. 22  Yehova acungura ubuzima bw’abasavyi biwe+; Kandi nta n’umwe mu bahungira muri we azoharurwako icaha+.

Amakuru yiyongereye