Zaburi 33:1-22
33 Nimwihe akamo k’umunezero, yemwe bagororotsi, kubera Yehova+.Ku bagororotse, ishemezo rirabereye+.
2 Nimukengurukire Yehova ku nanga+;Ku gicurarangisho c’imirya cumi+, mumuhibongoreze.
3 Nimumuririmbire ururirimbo rushasha+;Nimubashe imirya mujanisha n’akaruru k’umunezero+.
4 Kuko ijambo rya Yehova rigororotse+,Kandi igikorwa ciwe cose kiri mu bwizigirwa+.
5 Akunda ubugororotsi n’ubutungane+.Isi yuzuye ubuntu bwuzuye urukundo bwa Yehova+.
6 Kw’ijambo rya Yehova amajuru yarakozwe+,Ku mpwemu yo mu kanwa kiwe na ho ingabo zayo zose zirakorwa+.
7 Akoranya amazi y’ikiyaga nk’aho akoresheje urugomero+,Agashira mu bigega amazi asuriranya.
8 Abo kw’isi bose nibatinye Yehova+.Ababa ku butaka bwimbuka bose nibamugirire ubwoba+.
9 Kuko ubwiwe yavuze, bikaba+;Ubwiwe yarategetse, birarama+.
10 Yehova ubwiwe yasambuye inama y’amahanga+;Yatangiriye ivyiyumviro vy’ibisata vy’abantu+.
11 Inama ya Yehova izorama gushika igihe kitagira urugero+;Ivyiyumviro vy’umutima wiwe bigumaho iyaruka rimwe inyuma y’irindi+.
12 Hahiriwe ihanga Imana yaryo ari Yehova+,Igisata c’abantu yatoye ngo kibe intoranwa yiwe+.
13 Yehova yaritegereje ari mu majuru+,Abona abana b’abantu bose+.
14 Ari ahantu hashimangiye aba+,Yitegereje ababa kw’isi bose.
15 Abumba imitima yabo yose hamwe+;Arimbūra ibikorwa vyabo vyose+.
16 Nta mwami akizwa n’ubwinshi bw’inteko za gisirikare+;Umunyenkomezi ubwiwe ntarokorwa n’ubwinshi bw’ububasha+.
17 Ifarasi ni uruhendo mu vy’ugukiza+,Kandi ku bwinshi bw’inkomezi zayo, nta we irokora+.
18 Ehe! Ijisho rya Yehova riri ku bamutinya+,Kuri barya barindiriye ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+,
19 Ngo abarokore abakize urupfu+,No kugira ngo abazigamire ubuzima mu kigoyi+.
20 Umutima wacu wamye witeze Yehova+.Ni we mutabazi wacu n’inkinzo yacu+.
21 Kuko muri we umutima wacu unezerwa+;Kuko izina ryiwe ryeranda ari ryo twizigiye+.
22 Ubuntu bwuzuye urukundo bwawe, ewe Yehova, nibube kuri twebwe+,Nk’uko nyene twagumye tukurindiriye+.