Zaburi 33:1-22

33  Nimwihe akamo k’umunezero, yemwe bagororotsi, kubera Yehova+.Ku bagororotse, ishemezo rirabereye+.   Nimukengurukire Yehova ku nanga+;Ku gicurarangisho c’imirya cumi+, mumuhibongoreze.   Nimumuririmbire ururirimbo rushasha+;Nimubashe imirya mujanisha n’akaruru k’umunezero+.   Kuko ijambo rya Yehova rigororotse+,Kandi igikorwa ciwe cose kiri mu bwizigirwa+.   Akunda ubugororotsi n’ubutungane+.Isi yuzuye ubuntu bwuzuye urukundo bwa Yehova+.   Kw’ijambo rya Yehova amajuru yarakozwe+,Ku mpwemu yo mu kanwa kiwe na ho ingabo zayo zose zirakorwa+.   Akoranya amazi y’ikiyaga nk’aho akoresheje urugomero+,Agashira mu bigega amazi asuriranya.   Abo kw’isi bose nibatinye Yehova+.Ababa ku butaka bwimbuka bose nibamugirire ubwoba+.   Kuko ubwiwe yavuze, bikaba+;Ubwiwe yarategetse, birarama+. 10  Yehova ubwiwe yasambuye inama y’amahanga+;Yatangiriye ivyiyumviro vy’ibisata vy’abantu+. 11  Inama ya Yehova izorama gushika igihe kitagira urugero+;Ivyiyumviro vy’umutima wiwe bigumaho iyaruka rimwe inyuma y’irindi+. 12  Hahiriwe ihanga Imana yaryo ari Yehova+,Igisata c’abantu yatoye ngo kibe intoranwa yiwe+. 13  Yehova yaritegereje ari mu majuru+,Abona abana b’abantu bose+. 14  Ari ahantu hashimangiye aba+,Yitegereje ababa kw’isi bose. 15  Abumba imitima yabo yose hamwe+;Arimbūra ibikorwa vyabo vyose+. 16  Nta mwami akizwa n’ubwinshi bw’inteko za gisirikare+;Umunyenkomezi ubwiwe ntarokorwa n’ubwinshi bw’ububasha+. 17  Ifarasi ni uruhendo mu vy’ugukiza+,Kandi ku bwinshi bw’inkomezi zayo, nta we irokora+. 18  Ehe! Ijisho rya Yehova riri ku bamutinya+,Kuri barya barindiriye ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+, 19  Ngo abarokore abakize urupfu+,No kugira ngo abazigamire ubuzima mu kigoyi+. 20  Umutima wacu wamye witeze Yehova+.Ni we mutabazi wacu n’inkinzo yacu+. 21  Kuko muri we umutima wacu unezerwa+;Kuko izina ryiwe ryeranda ari ryo twizigiye+. 22  Ubuntu bwuzuye urukundo bwawe, ewe Yehova, nibube kuri twebwe+,Nk’uko nyene twagumye tukurindiriye+.

Utujambo tw'epfo