Zaburi 32:1-11

Ni izaburi ya Dawidi. Masikili. 32  Hahiriwe umuntu umugararizo wiwe uhariwe, uwo igicumuro ciwe gipfutswe+.   Hahiriwe umuntu Yehova adaharurako ikosa+,Mu mutima wiwe akaba ata buhendanyi buriyo+.   Igihe naguma ncereje, amagufa yanje yashirira mu kuniha kwanje bukarinda bwira+.   Kuko ukuboko kwawe kwandemēra umurango n’ijoro+.Amazimazi y’ubuzima bwanje ahindutse nko mu bushuhe bugadutse bw’ici+. Sela.   Igicumuro canje naratevye ndakikwaturira, kandi ikosa ryanje sinaripfutse+.Navuze nti: “Nzokwaturira Yehova ibigabitanyo vyanje+.”Nawe warahariye ikosa ry’ibicumuro vyanje+. Sela.   Ku bw’ivyo, umuntu w’intahemuka wese azogusenga+Ku gihe gusa ushobora kuronkeka+.Nayo amazi menshi y’isegenya, ntazogenda amukozeko+.   Uri ubwihisho bwanje; uzonzigama unkize amarushwa+.Uzonkikuza akamo k’umunezero, ako umuntu yiha iyo arokowe+. Sela.   “Nzotuma ugira ugutahura kwimbitse nongere nkwigishe inzira ukwiye gucamwo+.Nzokugīra inama ijisho ryanje riri kuri wewe+.   Ntimwigire nk’ifarasi canke inyumpu bitagira ubwenge+,Bimwe amanyama yavyo abwirizwa kugundishwa imijiginya canke ibiziriko+Muko biheza bikakwegera+.” 10  Ububabare umubisha agira ni bwinshi+;Ariko uwizigira Yehova, ubuntu bwuzuye urukundo ni bwo bumukikuza+. 11  Nimuhimbarwe muri Yehova, munezerwe, yemwe bagororotsi+;Mwihe akamo k’umunezero, yemwe ab’umutima ugororotse mwese+!

Utujambo tw'epfo