Zaburi 31:1-24
Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi.
31 Muri wewe, ewe Yehova, ni ho nahungiye+.Ese ntokwigera maramara+!Mu bugororotsi bwawe nunkize+.
2 Ntega ugutwi+.Nundokore ningoga+.Numbere igihome gikomeye c’urubuyebuye+,Inzu y’ibihome bikomeye yo kunkiza+.
3 Kuko uri urutare rwanje n’igihome canje gikomeye+;Kandi ku bw’izina ryawe+ uzonyobora, undongore+.
4 Uzonkura mu rusenga banyegeje ngo rumfate+,Kuko uri iboma ryanje+.
5 Mu kuboko kwawe ni ho nshize impwemu yanje+.Warancunguye+, ewe Yehova Mana y’inyakuri+.
6 Ndanka koko abitaho ibigirwamana bitagira akamaro, bitagira mvura+;Nayo jewe, Yehova ni we nizigira+.
7 Nzonezererwa ubuntu bwuzuye urukundo bwawe, bumpimbare+,Kuko wabonye amarushwa yanje+;Wamenye amagorwa y’umutima wanje+,
8 Kandi ntiwantanze mu kuboko kw’umwansi+.Watumye ibirenge vyanje bihagarara ahantu hagutse+.
9 Ngirira ubutoni, Yehova we, kuko ngeze habi+.Kubera umwikomo ijisho ryanje ribaye goyigoyi+, umutima wanje n’inda yanje+.
10 Kuko ubuzima bwanje burangiriye mu ntuntu+,Imyaka yanje na yo ikarangirira mu kuniha+.Kubera ikosa ryanje ububasha bwanje bwatsitaye+,Kandi amagufa yanje ubwayo asigaye ari goyigoyi+.
11 Kuri abo bose banyanka+, nsigaye ndi iceyi+,Ku babanyi banje na ho birarushiriza+,Nsigara ndi agacavutu ku bo twari tuzinanyi+.Bambonye hanze, barampunga+.
12 Cokimwe n’umuntu yapfuye agahanagurika mu mutima, nibagiwe+;Nsigaye ndi nk’icombo cononekaye+;
13 Kuko numvise inkuru mbi ivugwa na benshi+,Ivutu rigakwira impande zose+.Iyo barundaniye hamwe nk’umuntu umwe ngo bandwanye+,Bategura umugambi wo gukuraho ubuzima bwanje+.
14 Mugabo jewe, ni wewe nizigiye, ewe Yehova+!Navuze nti: “Uri Imana yanje+.”
15 Ibihe vyanje biri mu kuboko kwawe+.Nundokore unkize ukuboko kw’abansi banje be n’abankurikirana+.
16 Nutume mu maso hawe hakayanganira ku musavyi wawe+.Nunkize kubera ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+.
17 Ewe Yehova, ese ntomaramara, kuko nakwambaje+.Ababisha nibamaramare+;Bagume bacereje mu kuzimu+.
18 Iminwa y’ikinyoma nizibe+,Imwe ivuga nabi umugororotsi+, ikavuga ishirukanya n’ubwibone n’agakengerwe+.
19 Ewe kuntu ukumera neza kwawe ari kwinshi+, ukwo wabikiye muri ntibate abagutinya+,Ukwo wagiriye abahungira muri wewe,Imbere y’abana b’abantu+.
20 Uzobahisha ahihishije ho mu maso hawe+Kure y’abantu birema akagwi+.Uzobanyegeza mu rusago rwawe, kure y’ugutongana kw’indimi+.
21 Yehova nahezagirwe+,Kuko yangiriye ubuntu bwuzuye urukundo+ bw’agatangaza mu gisagara kiri mu maganya+.
22 Nayo jewe, igihe nata umutwe navuze+ nti:“Nta kabuza ndatikizwa mve mu maso yawe+.”Ni ukuri warumvise ijwi ry’amajambo y’ukwinginga kwanje igihe nagutabaza+.
23 Nimukunde Yehova, mwese intahemuka ziwe+!Abizigirwa ni bo Yehova azigama+,Yamara ahemba bimwe bihebuje uwo wese yerekana ubwibone+.
24 Nimugire umutima rugabo, kandi umutima wanyu ukomere+,Yemwe abarindiriye Yehova mwese+!