Zaburi 29:1-11

Agahibongozo ka Dawidi. 29  Herereze kuri Yehova, yemwe bana b’abakomeye,Herereze kuri Yehova ubuninahazwa n’inkomezi+.   Herereze kuri Yehova ubuninahazwa bw’izina ryiwe+.Nimwunamire Yehova mu gushaza kweranda+.   Ijwi rya Yehova riri hejuru y’amazi+;Ya Mana ininahaye+ ubwayo yaturagaye+.Yehova ari hejuru y’amazi menshi+.   Ijwi rya Yehova ni iry’ububasha+;Ijwi rya Yehova ni agahore+.   Ijwi rya Yehova rivuna amasederi;Egome, Yehova avunagura amasederi y’i Libani+,   Atuma yikina amatavu nk’inyana+,Libani na Siriyoni+ nk’abana b’amashūri y’amanyeshamba.   Ijwi rya Yehova rikorogoshoza imbeya z’umuriro+;   Ijwi rya Yehova rituma agahinga kigonyonzora+,Yehova atuma agahinga ka Kadeshi+ kigonyonzora.   Ijwi rya Yehova rituma impongokazi zigonyonzora mu bubabare bwo kuvyara+,Rigakoba ibibira bigasigara biri amenya+.Kandi mu rusengero rwiwe umwe wese avuga ati: “Ubuninahazwa+!” 10  Yehova yicaye ku mwuzure+;Yehova avyagiye nk’umwami gushika igihe kitagira urugero+. 11  Yehova ubwiwe azoha koko inkomezi abantu biwe+.Yehova ubwiwe azohezagiza abantu biwe amahoro+.

Utujambo tw'epfo