Zaburi 29:1-11
Agahibongozo ka Dawidi.
29 Herereze kuri Yehova, yemwe bana b’abakomeye,Herereze kuri Yehova ubuninahazwa n’inkomezi+.
2 Herereze kuri Yehova ubuninahazwa bw’izina ryiwe+.Nimwunamire Yehova mu gushaza kweranda+.
3 Ijwi rya Yehova riri hejuru y’amazi+;Ya Mana ininahaye+ ubwayo yaturagaye+.Yehova ari hejuru y’amazi menshi+.
4 Ijwi rya Yehova ni iry’ububasha+;Ijwi rya Yehova ni agahore+.
5 Ijwi rya Yehova rivuna amasederi;Egome, Yehova avunagura amasederi y’i Libani+,
6 Atuma yikina amatavu nk’inyana+,Libani na Siriyoni+ nk’abana b’amashūri y’amanyeshamba.
7 Ijwi rya Yehova rikorogoshoza imbeya z’umuriro+;
8 Ijwi rya Yehova rituma agahinga kigonyonzora+,Yehova atuma agahinga ka Kadeshi+ kigonyonzora.
9 Ijwi rya Yehova rituma impongokazi zigonyonzora mu bubabare bwo kuvyara+,Rigakoba ibibira bigasigara biri amenya+.Kandi mu rusengero rwiwe umwe wese avuga ati: “Ubuninahazwa+!”
10 Yehova yicaye ku mwuzure+;Yehova avyagiye nk’umwami gushika igihe kitagira urugero+.
11 Yehova ubwiwe azoha koko inkomezi abantu biwe+.Yehova ubwiwe azohezagiza abantu biwe amahoro+.