Zaburi 28:1-9
Ni izaburi ya Dawidi.
28 Ewe Yehova, ni wewe nguma mpamagara+.Ewe Gitandara canje, ntumbere igipfamatwi+,Kugira ngo ntugume winumiye ku binyerekeye+,Nanje simbwirizwe kumera nk’abamanuka mu cobo+.
2 Niwumve ijwi ry’amajambo y’ukwinginga kwanje igihe ngutabaza,Igihe nduza amaboko yanje+ ndayerekeza ku cumba c’ahitereye c’ahantu heranda hawe+.
3 Ntunkwegane n’ababisha be n’abakora ibintu bibabaza+,Abavugana ivy’amahoro na bagenzi babo+ mugabo mu mitima yabo hari ibibi+.
4 Nubahe ibihuye n’uko bakora+,N’ibihuye n’ububi bw’ibikorwa vyabo+.Ubahe koko ibihuye n’igikorwa c’amaboko yabo+.Nubishure ivyo ubwabo bagira+.
5 Kuko batitaho ibikorwa vya Yehova+,Canke igikorwa c’amaboko yiwe+.Azobasambura ntabubake.
6 Yehova nahezagirwe, kuko yumvise ijwi ry’amajambo y’ukwinginga kwanje+.
7 Yehova ni we nkomezi zanje+ n’inkinzo yanje+.Ni we umutima wanje wizigiye+,Kandi naratabawe, ku buryo umutima wanje wigina+,Kandi nzomuhayisha ururirimbo rwanje+.
8 Yehova ni inkomezi ku bantu biwe+,Kandi ni igihome gikomeye c’ubukiriro buhambaye bw’uwo yarobanuje amavuta+.
9 Kiza abantu bawe, uhezagire intoranwa yawe+;Nubaragire, ubaterure gushika igihe kitagira urugero+.