Zaburi 28:1-9

Ni izaburi ya Dawidi. 28  Ewe Yehova, ni wewe nguma mpamagara+.Ewe Gitandara canje, ntumbere igipfamatwi+,Kugira ngo ntugume winumiye ku binyerekeye+,Nanje simbwirizwe kumera nk’abamanuka mu cobo+.   Niwumve ijwi ry’amajambo y’ukwinginga kwanje igihe ngutabaza,Igihe nduza amaboko yanje+ ndayerekeza ku cumba c’ahitereye c’ahantu heranda hawe+.   Ntunkwegane n’ababisha be n’abakora ibintu bibabaza+,Abavugana ivy’amahoro na bagenzi babo+ mugabo mu mitima yabo hari ibibi+.   Nubahe ibihuye n’uko bakora+,N’ibihuye n’ububi bw’ibikorwa vyabo+.Ubahe koko ibihuye n’igikorwa c’amaboko yabo+.Nubishure ivyo ubwabo bagira+.   Kuko batitaho ibikorwa vya Yehova+,Canke igikorwa c’amaboko yiwe+.Azobasambura ntabubake.   Yehova nahezagirwe, kuko yumvise ijwi ry’amajambo y’ukwinginga kwanje+.   Yehova ni we nkomezi zanje+ n’inkinzo yanje+.Ni we umutima wanje wizigiye+,Kandi naratabawe, ku buryo umutima wanje wigina+,Kandi nzomuhayisha ururirimbo rwanje+.   Yehova ni inkomezi ku bantu biwe+,Kandi ni igihome gikomeye c’ubukiriro buhambaye bw’uwo yarobanuje amavuta+.   Kiza abantu bawe, uhezagire intoranwa yawe+;Nubaragire, ubaterure gushika igihe kitagira urugero+.

Utujambo tw'epfo