Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 27:1-14

Ni izaburi ya Dawidi. 27  Yehova ni umuco wanje+ n’ubukiriro bwanje+. Ni nde nzotinya+? Yehova ni we gihome gikomeye c’ubuzima bwanje+. Ni nde nzogirira ubwoba+?   Igihe inkozi z’ikibi zari zegereye zimpiga ngo zirye inyama zanje+, Abo bakaba ari abarwanizi banje be n’abansi banje ubwanje+, Bo ubwabo baratsitaye baragwa+.   Naho ikambi yoshinga ihema ngo intere+, Umutima wanje ntuzotinya+. Naho hovyuka intambara yo kuntera+, N’ico gihe nyene nzoguma nizigiye+.   Nasavye Yehova ikintu kimwe+, Ni co nzorondera+, Ni uko nokwibera mu nzu ya Yehova imisi yose y’ubuzima bwanje+, Ngo nitegereze ubwiza bwa Yehova+ No kugira ngo ndabe urusengero rwiwe nikugura+.   Kuko azonyegeza mu bwikingo bwiwe ku musi w’ivyago+; Azompisha ahihishije h’ihema ryiwe+; Azonshira hejuru ku gitandara+.   Maze umutwe wanje uzoba hejuru cane y’abansi banje irya n’ino yanje+; Kandi kw’ihema ryiwe nzoshikana ibimazi vy’akaruru k’umunezero+; Nzoririmba nongere mpibongoreze Yehova+.   Niwumwe, Yehova we, igihe mpamagara n’ijwi ryanje+, Ungirire ubutoni kandi unyishure+.   Ku bikwerekeye umutima wanje wavuze uti: “Nimurondere mu maso hanje+.” Mu maso hawe, ewe Yehova, nzoharondera+.   Ntumpishe mu maso hawe+. Ntiwigizeyo umusavyi wawe washavuye+. Numbere imfashanyo+. Ntumpebe, ntunte, ewe Mana y’ubukiriro bwanje+! 10  Hamwe data na mama bonta+, Yehova ubwiwe yonyitorera+. 11  Nyigisha inzira yawe, Yehova we+, Unyobore mu munyuro w’ukugororoka, kubera abansi banje. 12  Ntunshire mu maboko y’abarwanizi banje ngo bangire uko bagomba+; Kuko ivyabona vy’ikinyoma bimpagurukiye+, Be n’uwusuka ubukazi+. 13  Iyo ntaba nizeye kubona ukumera neza kwa Yehova mu gihugu c’abazima+...! 14  Niwizigire Yehova+; gira umutima rugabo kandi umutima wawe ukomere+. Egome, niwizigire Yehova+.

Amakuru yiyongereye