Zaburi 26:1-12
Ni izaburi ya Dawidi.
26 Ncira urubanza+, Yehova we, kuko jewe nagendeye mu gutungana kwanje+,Kandi Yehova ni we nizigiye, kugira ngo sinyoganyoge+.
2 Nsuzuma, Yehova we, ungeze+;Tyorora amafyigo yanje n’umutima wanje+.
3 Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri imbere y’amaso yanje,Kandi nagendeye mu kuri kwawe+.
4 Sinicaranye n’abantu b’ababeshi+;Kandi sininjirana n’abanyegeza ico bari+.
5 Nanse ishengero ry’inkozi z’ikibi+,Kandi sinicarana n’ababisha+.
6 Nzokaraba ibiganza vyanje mu gutungana+,Kandi nzotambuka nkikuza igicaniro* cawe, ewe Yehova+,
7 Kugira numvikanishe cane ugukenguruka+,No kugira menyeshe ibikorwa vyawe vy’agatangaza vyose+.
8 Yehova, nakunze inzu ubamwo+Be n’ahantu ubuninahazwa bwawe buba+.
9 Ntunjaniranye n’abacumuzi+,Canke ubuzima bwanje ngo ubujaniranye n’abagirwa n’amaraso+,
10 Abo mu maboko yabo hari ubushirasoni*+,Ukuryo kwabo na kwo kukaba kwuzuye ibiturire+.
11 Nayo jewe, ugutungana kwanje ni kwo nzogenderamwo+.Nuncungure+ kandi ungirire ubutoni+.
12 Ikirenge canje ntikizobura guhagarara ahashashe+;Nzohezagira Yehova mu makinja akoranye+.