Zaburi 26:1-12

Ni izaburi ya Dawidi. 26  Ncira urubanza+, Yehova we, kuko jewe nagendeye mu gutungana kwanje+,Kandi Yehova ni we nizigiye, kugira ngo sinyoganyoge+.   Nsuzuma, Yehova we, ungeze+;Tyorora amafyigo yanje n’umutima wanje+.   Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri imbere y’amaso yanje,Kandi nagendeye mu kuri kwawe+.   Sinicaranye n’abantu b’ababeshi+;Kandi sininjirana n’abanyegeza ico bari+.   Nanse ishengero ry’inkozi z’ikibi+,Kandi sinicarana n’ababisha+.   Nzokaraba ibiganza vyanje mu gutungana+,Kandi nzotambuka nkikuza igicaniro* cawe, ewe Yehova+,   Kugira numvikanishe cane ugukenguruka+,No kugira menyeshe ibikorwa vyawe vy’agatangaza vyose+.   Yehova, nakunze inzu ubamwo+Be n’ahantu ubuninahazwa bwawe buba+.   Ntunjaniranye n’abacumuzi+,Canke ubuzima bwanje ngo ubujaniranye n’abagirwa n’amaraso+, 10  Abo mu maboko yabo hari ubushirasoni*+,Ukuryo kwabo na kwo kukaba kwuzuye ibiturire+. 11  Nayo jewe, ugutungana kwanje ni kwo nzogenderamwo+.Nuncungure+ kandi ungirire ubutoni+. 12  Ikirenge canje ntikizobura guhagarara ahashashe+;Nzohezagira Yehova mu makinja akoranye+.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.