Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 24:1-10

Ni izaburi ya Dawidi. Agahibongozo. 24  Isi n’ibiyuzuye ni ivya Yehova+, Ubutaka bwimbuka n’ababubako+.   Kuko ku biyaga ari ho we ubwiwe yayishinze ikaguma+, Kandi ku nzuzi ni ho ayigumiza ishimangiye+.   Ni nde yoduga ku musozi wa Yehova+, Kandi ni nde yohagarara ahantu heranda hiwe+?   Ni uwo wese w’intungane mu biganza vyiwe kandi adahumanye mu mutima wiwe+, Atatwaye ubuzima bwanje* mu bitagira mvura+, Canke ngo arahire ahendana+.   Azotwara umuhezagiro uvuye kuri Yehova+ N’ubugororotsi buvuye ku Mana y’ubukiriro bwiwe+.   Iri ni ryo yaruka ry’abayirondera, Ry’abahiga mu maso hawe, ewe Mana ya Yakobo+! Sela.   “Rarike imitwe, yemwe marembo+, Mwikirurutse, yemwe minjiriro aramba+, Kugira Umwami aninahaye yinjire+!”   “Ni nde none uwo Mwami aninahaye+?” “Yehova uwukomeye kandi w’umunyabubasha+, Yehova w’umunyabubasha mu rugamba+.”   “Duze imitwe, yemwe marembo+; Egome, nimuyikirurutse, yemwe minjiriro aramba, Kugira Umwami aninahaye yinjire+!” 10  “Na we ni nde none, uwo Mwami aninahaye?” “Yehova nyen’ingabo*, uyo ni we Mwami aninahaye+.” Sela.

Amakuru yiyongereye

“Bwanje” bishaka kuvuga “bw’Imana.”
Raba Inyongera ya 21.