Zaburi 22:1-31

Ku muyobozi, ku Mpongokazi y’Umutwenzi. Agahibongozo ka Dawidi. 22  Mana yanje, Mana yanje, kubera iki umpevye+?Kubera iki utevye kunkiza+,Ukaba kure y’amajambo y’ukuroha kwanje+?   Ewe Mana yanje, nguma mpamagara ku murango, nawe ntiwishure+;Ndahamagara no mw’ijoro, kandi sinigera ncereza+.   Mugabo wewe uri mweranda+,Ukaba wibera mu mashemezo ya Isirayeli+.   Ba data barakwizigiye+;Barizigiye, nawe uguma ubakiza+.   Barakuririye+, barakira+;Barakwizigiye, ntibamaramara+.   Mugabo jewe ndi umusiba+, sindi umuntu;Ku bantu, ndi iceyi n’uwusuzuguritse+.   Nayo abambona bose, bantwengera mw’ijigo+;Baguma bataburura iminwa, baguma bazunza umutwe, ngo+:   “Yiragije Yehova+. Namukize+!Namurokore, ko yamuhimbaye+!”   Kuko ari wewe wankuye mu nda+,Ugatuma nizigira ndi ku mabere ya mama+. 10  Naterewe kuri wewe nkiva mu gitereko+;Wabaye Imana yanje kuva nkiri mu nda ya mama+. 11  Ntugume kure cane yanje, kuko amarushwa ari hafi+,Kuko ata wundi mufasha ariho+. 12  Ibimasa vyinshi birankikuje+;Abanyabubasha b’i Bashani ubwabo biranzungurutse+. 13  Buguruye akanwa kabo ngo bandotse+,Nk’intambwe itabagura kandi iroha+. 14  Nsutswe nk’amazi+,Kandi amagufa yanje yose aratanijwe+.Umutima wanje ucitse nk’ishashara+;Ushongeye imbere muri jewe+. 15  Ububasha bwanje bwumye nk’urujo+,Ururimi rwanje na rwo rumatanijwe n’ibinyigishi vyanje+;Kandi unshira mu mukungugu w’urupfu+. 16  Kuko imbwa zinkikuje+;Ikoraniro ry’inkozi z’ikibi riranzitiye+.Nka kurya kw’intambwe, bari ku maboko yanje no ku birenge vyanje+. 17  Ndashobora guharūra amagufa yanje yose+.Ubwabo bararaba, bakampanga amaso+. 18  Bagabangana impuzu zanje+,Kandi bapfindira ivyambarwa vyanje+. 19  Mugabo wewe, ewe Yehova, ntugume kure cane+.Ewe nkomezi zanje+, nyaragasa umfashe+. 20  Rokora ubuzima bwanje ubukize inkota+,Ubwo mfise bwonyene ubukize ijanja ry’imbwa+; 21  Nkiza akanwa k’intambwe+,Unyishure kandi unkize amahembe y’amashūri y’amanyeshamba+. 22  Nzomenyesha izina ryawe+ bene wacu+;Hagati mw’ishengero nzogushemeza+. 23  Yemwe abatinya Yehova, nimumushemeze+!Yemwe ruvyaro rwa Yakobo mwese, nimumuninahaze+!Kandi mumugirire ubwoba, yemwe ruvyaro rwa Isirayeli mwese+. 24  Kuko atasuzuguye+Canke ngo aterwe ishishi n’amarushwa y’umurushwa+;Kandi ntiyamuhishije mu maso hiwe+,Kandi igihe yamutabaza yarumvise+. 25  Mw’ishengero rinini ishemezo ryanje rizoturuka kuri wewe+;Nzoshitsa indagano zanje imbere y’abamutinya+. 26  Abatekereza bazorya bahage+;Abamurondera bazoshemeza Yehova+.Imitima yanyu nibeho ibihe bidahera+. 27  Impera zose z’isi zizokwibuka zigaruke kuri Yehova+.Kandi imiryango yose y’amahanga izokwunama imbere yawe+. 28  Kuko ingoma ari iya Yehova+,Kandi ni we aganza amahanga+. 29  Abadoshe bose bo kw’isi bazorya, buname+;Imbere yiwe abamanuka mu mukungugu bose bazopfukama+,Kandi nta n’umwe azokwizigamira ubuzima+. 30  Uruvyaro* ruzomukorera+;Iyaruka rizomenyeshwa ivyerekeye Yehova+. 31  Bazoza bayage ubugororotsi bwiwe+,Babwire igisata c’abantu kizovuka, yuko ari we yabikoze+.

Utujambo tw'epfo

Ijambo ku rindi ni “urubuto.”