Zaburi 21:1-13

Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi. 21  Ewe Yehova, umwami ahimbarwa mu nkomezi zawe+;Kandi ese ukuntu agomba kunezerwa rwose mu bukiriro bwawe+!   Ico umutima wiwe wipfuza warakimuhaye+,Kandi ico iminwa yiwe ishaka ntiwakimwimye+. Sela.   Kuko wamusanganije imihezagiro y’ivyiza+,Ugashira kandi ku mutwe wiwe urugori rw’inzahabu ityoroye+.   Yagusavye ubuzima. Warabumuhaye+,Umuha ubwinshi bw’imisi gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+.   Ubuninahazwa bwiwe ni agakomeye mu bukiriro bwawe+.Umushirako iteka n’ubwiza bwakaka+.   Kuko umugira uwuhezagiwe rwose ibihe bidahera+;Umunezeresha umunezero wo mu maso hawe+.   Kuko umwami yizigira Yehova+,Mbere n’ubuntu bwuzuye urukundo bwa Musumbavyose. Ntazonyiganyizwa+.   Ukuboko kwawe kuzoshikira abansi bawe bose+;Ukuryo kwawe kuzoshikira abakwanka.   Uzobagira nk’itanure ry’umuriro ku gihe cashinzwe c’uko ubiraba+.Yehova mw’ishavu ryiwe azobamira, kandi umuriro uzobarigata+. 10  Ivyamwa vyabo uzobirandura bive kw’isi+,N’uruvyaro rwabo ruve mu bana b’abantu+. 11  Kuko baguhererejeko ibibi+;Biyumviriye ivyiyumviro badashobora kurangura+. 12  Kuko uzotuma bahindukiza umugongo bahunge+Ukoresheje imvuto zawe utegurira kurwanya mu maso yabo+. 13  Nushirwe hejuru mu nkomezi zawe, Yehova we+!Tuzoririmba duhibongoreze ubushobozi bwawe+.

Utujambo tw'epfo