Zaburi 21:1-13
Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi.
21 Ewe Yehova, umwami ahimbarwa mu nkomezi zawe+;Kandi ese ukuntu agomba kunezerwa rwose mu bukiriro bwawe+!
2 Ico umutima wiwe wipfuza warakimuhaye+,Kandi ico iminwa yiwe ishaka ntiwakimwimye+. Sela.
3 Kuko wamusanganije imihezagiro y’ivyiza+,Ugashira kandi ku mutwe wiwe urugori rw’inzahabu ityoroye+.
4 Yagusavye ubuzima. Warabumuhaye+,Umuha ubwinshi bw’imisi gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+.
5 Ubuninahazwa bwiwe ni agakomeye mu bukiriro bwawe+.Umushirako iteka n’ubwiza bwakaka+.
6 Kuko umugira uwuhezagiwe rwose ibihe bidahera+;Umunezeresha umunezero wo mu maso hawe+.
7 Kuko umwami yizigira Yehova+,Mbere n’ubuntu bwuzuye urukundo bwa Musumbavyose. Ntazonyiganyizwa+.
8 Ukuboko kwawe kuzoshikira abansi bawe bose+;Ukuryo kwawe kuzoshikira abakwanka.
9 Uzobagira nk’itanure ry’umuriro ku gihe cashinzwe c’uko ubiraba+.Yehova mw’ishavu ryiwe azobamira, kandi umuriro uzobarigata+.
10 Ivyamwa vyabo uzobirandura bive kw’isi+,N’uruvyaro rwabo ruve mu bana b’abantu+.
11 Kuko baguhererejeko ibibi+;Biyumviriye ivyiyumviro badashobora kurangura+.
12 Kuko uzotuma bahindukiza umugongo bahunge+Ukoresheje imvuto zawe utegurira kurwanya mu maso yabo+.
13 Nushirwe hejuru mu nkomezi zawe, Yehova we+!Tuzoririmba duhibongoreze ubushobozi bwawe+.