Zaburi 20:1-9

Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi. 20  Yehova akwishure ku musi w’amarushwa+.Izina ry’Imana ya Yakobo rigukingire+.   Narungike ugutabarwa kwawe ari ha hantu heranda+,Agushigikire ari i Siyoni ubwaho+.   Niyibuke amashikanwa yawe yose+,Yemere ishikanwa ryawe riturirwa, abone ko rinuze+. Sela.   Naguhe nk’uko umutima wawe ugomba+,Ashitse inama yawe yose+.   Tuzokwiha akamo k’umunezero kubera ubukiriro bwawe+,Kandi mw’izina ry’Imana yacu tuzoduza amabendera yacu+.Yehova ashitse ivyo usaba vyose+.   Ubu ndazi koko yuko Yehova atabura gukiza uwo yarobanuje amavuta+.Amwishura ari mu majuru yiwe meranda+Biciye ku bikorwa vy’inkomezi vyo gukiza vy’ukuryo kwiwe+.   Bamwe bavuga ivyerekeye imikogote abandi ivyerekeye amafarasi+,Ariko tweho ivyerekeye izina rya Yehova Imana yacu ni vyo tuzovuga+.   Abo nyene baravunitse, baragwa+;Ariko tweho turahagurutse, kugira dusubirane+.   Ewe Yehova, kiza umwami+!Azotwishura ku musi duhamagaye+.

Utujambo tw'epfo