Zaburi 2:1-12

2  Kubera iki amahanga yagiye mu ruhagarara+,N’imiryango y’amahanga ikaguma ivugira mu ntamatama ikintu ata co kimaze+?  2  Abami b’isi barahagaze+Kandi abategetsi bakurubakuru bakoraniye hamwe nk’umuntu umwe+Ngo barwanye Yehova+ n’uwo yarobanuje amavuta*+,  3  Bakavuga ngo: “Tuvutagure imizana yabo+Dushiburire kure yacu imigozi yabo+!”  4  Wa Wundi yicaye mu majuru+ azokwitwengera;Yehova ubwiwe azobatwengera mw’ijigo+.  5  Ico gihe azobabwirira mw’ishavu ryiwe+,Kandi mu bushangashirwe bukaze bwiwe azobahagarika umutima+,  6  Ati: “Jewe, jewe nyene, nimitse umwami wanje+Kuri Siyoni+, umusozi wanje mweranda+.”  7  Reka mvuge ingingo ya Yehova;Yambwiye ati: “Uri umwana wanje+;Jewe uno musi ncitse so+.  8  Nsaba+, nguhe amahanga abe intoranwa yawe+N’impera z’isi zibe itongo wigabira+.  9  Uzobamenaguza agakoni k’ubutware k’icuma+;Nka kurya kw’icombo c’umubumvyi, uzobasavya+.” 10  None rero, emwe mwa bami, nimukoreshe ugutahura kwimbitse;Nimwemere mukosorwe, emwe mwa bacamanza b’isi+. 11  Nimukorere Yehova hariko n’ugutinya+,Munezerwe hariko n’ukujugumira+. 12  Nimusome wa mwana+, Imana ntirurumbe ishavuKandi ntimuyogere ngo muve mu nzira+,Kuko ishavu ryiwe rirurumba bitagoranye+.Hahiriwe abo bose bahungira muri we+.

Utujambo tw'epfo

^ Raba Inyongera ya 21.