Zaburi 19:1-14

Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi. 19  Amajuru amenyesha ubuninahazwa bw’Imana+;Ikirere na co kivuga igikorwa c’amaboko yayo+.   Umurango umwe inyuma y’uwundi uratuma imvugo idudubiza+,Kandi ijoro rimwe inyuma y’irindi rirerekana ubumenyi+.   Nta mvugo iriho, kandi nta majambo ariho;Nta jwi ryavyo ryumvikana+.   Ikamba yavyo yo gupimisha yagiye mw’isi yose+,Amajambo yavyo na yo yashitse ku mpera y’ubutaka bwimbuka+.Muri yo ni ho yashingiye izuba ihema+,   Kandi rimeze nk’umukwe igihe asohoka ava mu cumba ciwe c’ubugeni+;Rihimbarwa nka kurya umunyenkomezi ahimbarwa no kwiruka mu nzira+.   Ku mpera imwe y’amajuru ni ho risohokana,Kandi iherezo ry’urugendo rwaryo riri ku zindi mpera zayo+;Nta na kimwe gihishijwe ngo ntigishikirwe n’ubushuhe bwaryo+.   Itegeko+ rya Yehova ntirigira akanenge+, rihembura umuntu+.Icibutsa+ ca Yehova ni ico kwizigirwa+, gituma umuntu atazi utuntu n’utundi aba inkerebutsi+.   Amateka+ ava kuri Yehova aragororotse+, atuma umutima unezerwa+;Ibwirizwa+ rya Yehova ntiryanduye+, rikayanganisha amaso+.   Ugutinya+ Yehova kuratyoroye, kwamaho ibihe bidahera.Ingingo z’ubutungane+ za Yehova ni iz’ukuri+; zabonetse ko zigororotse zose+. 10  Ni izo kwipfuzwa kuruta inzahabu, egome, kuruta inzahabu nyinshi zityoroye+;Kandi zisosa kuruta ubuki+ be na bwa buki butemba bwo mu bimamara+. 11  Vyongeye, umusavyi wawe yaburiwe na zo+;Kuzubahiriza birimwo impera nini+. 12  Amakosa, ni nde yoyatahura+?Nunyite intungane unkureko ibicumuro vyihishije+. 13  Nurinde umusavyi wawe ibikorwa vy’ukwita imbere+;Ntureke ngo binganze+.Ico gihe nzoheza mbe uwukwiye+,Kandi nzoba nagumye ndi intungane ku bijanye n’ukugabitanya kwinshi. 14  Amajambo y’akanwa kanje be n’ukuzirikana kw’umutima wanje+Nibibe ibihimbaye imbere yawe, ewe Yehova Gitandara canje+ n’Umucunguzi wanje+!

Utujambo tw'epfo