Zaburi 19:1-14
Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi.
19 Amajuru amenyesha ubuninahazwa bw’Imana+;Ikirere na co kivuga igikorwa c’amaboko yayo+.
2 Umurango umwe inyuma y’uwundi uratuma imvugo idudubiza+,Kandi ijoro rimwe inyuma y’irindi rirerekana ubumenyi+.
3 Nta mvugo iriho, kandi nta majambo ariho;Nta jwi ryavyo ryumvikana+.
4 Ikamba yavyo yo gupimisha yagiye mw’isi yose+,Amajambo yavyo na yo yashitse ku mpera y’ubutaka bwimbuka+.Muri yo ni ho yashingiye izuba ihema+,
5 Kandi rimeze nk’umukwe igihe asohoka ava mu cumba ciwe c’ubugeni+;Rihimbarwa nka kurya umunyenkomezi ahimbarwa no kwiruka mu nzira+.
6 Ku mpera imwe y’amajuru ni ho risohokana,Kandi iherezo ry’urugendo rwaryo riri ku zindi mpera zayo+;Nta na kimwe gihishijwe ngo ntigishikirwe n’ubushuhe bwaryo+.
7 Itegeko+ rya Yehova ntirigira akanenge+, rihembura umuntu+.Icibutsa+ ca Yehova ni ico kwizigirwa+, gituma umuntu atazi utuntu n’utundi aba inkerebutsi+.
8 Amateka+ ava kuri Yehova aragororotse+, atuma umutima unezerwa+;Ibwirizwa+ rya Yehova ntiryanduye+, rikayanganisha amaso+.
9 Ugutinya+ Yehova kuratyoroye, kwamaho ibihe bidahera.Ingingo z’ubutungane+ za Yehova ni iz’ukuri+; zabonetse ko zigororotse zose+.
10 Ni izo kwipfuzwa kuruta inzahabu, egome, kuruta inzahabu nyinshi zityoroye+;Kandi zisosa kuruta ubuki+ be na bwa buki butemba bwo mu bimamara+.
11 Vyongeye, umusavyi wawe yaburiwe na zo+;Kuzubahiriza birimwo impera nini+.
12 Amakosa, ni nde yoyatahura+?Nunyite intungane unkureko ibicumuro vyihishije+.
13 Nurinde umusavyi wawe ibikorwa vy’ukwita imbere+;Ntureke ngo binganze+.Ico gihe nzoheza mbe uwukwiye+,Kandi nzoba nagumye ndi intungane ku bijanye n’ukugabitanya kwinshi.
14 Amajambo y’akanwa kanje be n’ukuzirikana kw’umutima wanje+Nibibe ibihimbaye imbere yawe, ewe Yehova Gitandara canje+ n’Umucunguzi wanje+!