Zaburi 18:1-50

Ku muyobozi. Ni iy’umusavyi wa Yehova, iya Dawidi, uwabwiye Yehova amajambo y’uru ruririmbo ku musi Yehova yamurokora mu kiganza c’abansi biwe bose no mu kuboko kwa Sauli+. Avuga ati: 18  Nzokwiyumvamwo, ewe Yehova, wewe nkomezi zanje+!   Yehova ni we rutare rwanje, igihome canje gikomeye akaba na we ankiza+.Imana yanje ni yo gitandara canje. Nzohungira muri yo+,Ni yo nkinzo yanje n’ihembe ryanje ry’ubukiriro, ahantu hanje hakirurutse hatagira inkomanzi+.   Umwe akwiye gushemezwa, ari we Yehova, ni we nzokwambaza+,Kandi nzokizwa abansi banje+.   Imigozi y’urupfu yarankikuje+;Amasegenya akukumura y’abantu b’imburakimazi na yo yaguma antera ubwoba+.   Imigozi y’ukuzimu yari inkikuje+;Imitego y’urupfu yari impanze+.   Mu marushwa yanje, naguma nambaza Yehova,Kandi Imana yanje naguma ndayitabaza+.Nuko yumva ijwi ryanje iri mu rusengero rwayo+,Ugutabaza kwanje imbere yayo kuraheza gushika mu matwi yayo+.   Maze isi itangura kuzungazunga no gutigita+,Imishinge y’imisozi iranyiganga+,Iguma izungazunga kuko Imana yari yatewe ishavu+.   Umwotsi warapfundutse mu mazuru yayo, umuriro uvuye mu kanwa kayo na wo uguma uyigiza+;Amakara yararurumba, akarabagiza ava kuri yo.   Nuko itangura guheta amajuru, iramanuka+.Umuzimagiza w’umuzitanya wari munsi y’ibirenge vyayo. 10  Hanyuma iza igendera ku mukerubi*, iza iguruka+,Iza yarāra ku mababa y’ikiremwa c’impwemu*+. 11  Ica igira umwiza ubwihisho bwayo+,Irya n’ino yayo, iwugira urusago rwayo,Umwiza w’amazi yijimye, ibicu bizitanye+. 12  Mu kwakaka kw’imbere yayo hava ibicu vyayo, bikarengana+,Urubura n’amakara yaka umuriro+. 13  Maze mu majuru Yehova atangura guturagara+,Musumbavyose ubwiwe atangura kurekura ijwi ryiwe+,Urubura n’amakara yaka umuriro. 14  Kandi yaguma arungika imyampi yiwe, kugira abashwiragize+;Arekura n’imiravyo, kugira abate mu muvurungano+. 15  Inzira z’imigezi y’amazi na zo zitangura kuboneka+,Imishinge y’ubutaka bwimbuka irapfukurwa+Bivuye ku guhambara kwawe, ewe Yehova, bivuye ku guhuhuta kw’impemu zo mu mazuru yawe+. 16  Yatuma ari iyo hejuru, akantwara+,Akankura mu mazi menshi+. 17  Yarandokora akankiza umwansi wanje akomeye+,N’abanyanka; kuko bari bakomeye kundusha+. 18  Baguma bampanze ku musi w’icago canje+,Mugabo Yehova ambera nk’icishimikizo+. 19  Nuko aransohora anjana ahantu hagutse+;Yarantabara, kuko yari yahimbawe nanje+. 20  Yehova ampemba nk’uko ubugororotsi bwanje buri+;Nk’uko ukudahumana kw’amaboko yanje kuri, ni ko anyishura+. 21  Kuko nagumije inzira za Yehova+,Kandi sinakoze nabi ngo mvirire Imana yanje+. 22  Kuko ingingo z’ubutungane zayo zose ziri imbere yanje+,Kandi ivyagezwe vyayo sinzovyigiza kure yanje+. 23  Nzokwerekana ko ntagira amahinyu kuri yo+,Kandi nzokwirinda ntihagire ikosa rimbako+. 24  Yehova nanyishure nk’uko ubugororotsi bwanje buri+,Nk’uko ukudahumana kw’amaboko yanje kuri, mu maso yiwe+. 25  Ku ntahemuka uzokwerekana ko udahemuka+;Ku muntu w’umugabo atagira amahinyu, uzokwerekana ko utagira amahinyu+. 26  Ku wuguma adahumanye uzokwerekana ko udahumanye+;Ku wuhetaraye na we uzokwerekana ko ugoramye+; 27  Kuko abantu b’abarushwa wewe ubwawe uzobakiza+;Mugabo amaso yibona uzoyashira hasi+. 28  Kuko ari wewe uzokwatsa itara ryanje, ewe Yehova+!Imana yanje ubwayo izotuma umwiza wanje ukayangana+. 29  Kuko ku bwawe nshobora gukinagiza akagwi k’abambuzi+;Kandi ku bw’Imana yanje ndashobora kwurira uruhome+. 30  Nayo Imana y’ukuri, inzira yayo ntigira akanenge+;Ijambo rya Yehova ni irityoroye+.Abera inkinzo abahungira muri we bose+. 31  Kuko, ni nde ari Imana atari Yehova+?Kandi ni nde ari igitandara kiretse Imana yacu+? 32  Imana y’ukuri ni yo inkenyeza cane inkomezi+,Kandi izoha inzira yanje kutagira akanenge+, 33  Ni yo ihindura ibirenge vyanje nk’ivy’impongokazi+,Kandi ahantu hakirurutse kuri jewe ni ho iguma impagaritse+. 34  Yigisha ibiganza vyanje intambara+,Kandi amaboko yanje yagonze umuheto w’umujumpu+. 35  Uzompa inkinzo yawe y’ubukiriro+,Kandi ukuryo kwawe kuzonshigikira+,Kandi ukwicisha bugufi kwawe kuzongira uwuhambaye+. 36  Uzotegura ikibanza cagutse bihagije ku bw’intambuko zanje munsi yanje+,Kandi amaso y’ibirenge vyanje ntazogenda anyoganyoze+. 37  Nzokurikirana abansi banje ndabahamvye;Kandi sinzohindukira badatikiye+. 38  Nzobavunagura ku buryo badashobora guhaguruka+;Bazogwa munsi y’ibirenge vyanje+. 39  Uzonkenyeza inkomezi ku bw’intambara;Uzotuma abankurira hasi binimba hasi munsi yanje+. 40  Nayo abansi banje, ntuzobura kumpa igikanu cabo+;Nayo abanyanka urunuka, nzobanumya+. 41  Baratabaza, mugabo nta mukiza ariho+,Bagatabaza Yehova, mugabo ntagende abishuye+. 42  Kandi nzobahonda banoge nk’umukungugu imbere y’umuyaga+;Nzobasuka nk’urwondo rwo mu mabarabara+. 43  Uzonkiza ugutorana amahinyu kw’abantu+.Uzongira umukuru* w’amahanga+.Abantu ntamenye, abo ni bo bazonkorera+. 44  Bazokwumva inkuru ku matwi gusa bangamburukire+;Abanyamahanga ubwabo bazoza kuri jewe bahinda agashitsi+. 45  Abanyamahanga ubwabo bazoyāma,Kandi bazova mu bibambazi vyabo bajugumira+. 46  Yehova ni muzima+, kandi Igitandara canje nigihezagirwe+,Kandi Imana y’ubukiriro bwanje nishirwe hejuru+. 47  Imana y’ukuri ni yo impora+;Imara igabo ibisata vy’abantu munsi yanje+. 48  Irankiza abansi banje buzuye ishavu+;Uzonduza unshire hejuru y’abankurira hasi+,Uzondokora unkize umuntu w’ubukazi+. 49  Ni co gituma nzoguhaya mu mahanga, ewe Yehova+,Kandi nzohibongoreza izina ryawe+. 50  Akorera umwami wiwe ibikorwa bikomeye vy’ubukiriro+,Akagirira ubuntu bwuzuye urukundo uwo yarobanuje amavuta+,Akabugirira Dawidi n’uruvyaro rwiwe gushika igihe kitagira urugero+.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Canke, “ku mababa y’umuyaga.”
Ijambo ku rindi ni “umutwe.”