Zaburi 18:1-50
Ku muyobozi. Ni iy’umusavyi wa Yehova, iya Dawidi, uwabwiye Yehova amajambo y’uru ruririmbo ku musi Yehova yamurokora mu kiganza c’abansi biwe bose no mu kuboko kwa Sauli+. Avuga ati:
18 Nzokwiyumvamwo, ewe Yehova, wewe nkomezi zanje+!
2 Yehova ni we rutare rwanje, igihome canje gikomeye akaba na we ankiza+.Imana yanje ni yo gitandara canje. Nzohungira muri yo+,Ni yo nkinzo yanje n’ihembe ryanje ry’ubukiriro, ahantu hanje hakirurutse hatagira inkomanzi+.
3 Umwe akwiye gushemezwa, ari we Yehova, ni we nzokwambaza+,Kandi nzokizwa abansi banje+.
4 Imigozi y’urupfu yarankikuje+;Amasegenya akukumura y’abantu b’imburakimazi na yo yaguma antera ubwoba+.
5 Imigozi y’ukuzimu yari inkikuje+;Imitego y’urupfu yari impanze+.
6 Mu marushwa yanje, naguma nambaza Yehova,Kandi Imana yanje naguma ndayitabaza+.Nuko yumva ijwi ryanje iri mu rusengero rwayo+,Ugutabaza kwanje imbere yayo kuraheza gushika mu matwi yayo+.
7 Maze isi itangura kuzungazunga no gutigita+,Imishinge y’imisozi iranyiganga+,Iguma izungazunga kuko Imana yari yatewe ishavu+.
8 Umwotsi warapfundutse mu mazuru yayo, umuriro uvuye mu kanwa kayo na wo uguma uyigiza+;Amakara yararurumba, akarabagiza ava kuri yo.
9 Nuko itangura guheta amajuru, iramanuka+.Umuzimagiza w’umuzitanya wari munsi y’ibirenge vyayo.
10 Hanyuma iza igendera ku mukerubi*, iza iguruka+,Iza yarāra ku mababa y’ikiremwa c’impwemu*+.
11 Ica igira umwiza ubwihisho bwayo+,Irya n’ino yayo, iwugira urusago rwayo,Umwiza w’amazi yijimye, ibicu bizitanye+.
12 Mu kwakaka kw’imbere yayo hava ibicu vyayo, bikarengana+,Urubura n’amakara yaka umuriro+.
13 Maze mu majuru Yehova atangura guturagara+,Musumbavyose ubwiwe atangura kurekura ijwi ryiwe+,Urubura n’amakara yaka umuriro.
14 Kandi yaguma arungika imyampi yiwe, kugira abashwiragize+;Arekura n’imiravyo, kugira abate mu muvurungano+.
15 Inzira z’imigezi y’amazi na zo zitangura kuboneka+,Imishinge y’ubutaka bwimbuka irapfukurwa+Bivuye ku guhambara kwawe, ewe Yehova, bivuye ku guhuhuta kw’impemu zo mu mazuru yawe+.
16 Yatuma ari iyo hejuru, akantwara+,Akankura mu mazi menshi+.
17 Yarandokora akankiza umwansi wanje akomeye+,N’abanyanka; kuko bari bakomeye kundusha+.
18 Baguma bampanze ku musi w’icago canje+,Mugabo Yehova ambera nk’icishimikizo+.
19 Nuko aransohora anjana ahantu hagutse+;Yarantabara, kuko yari yahimbawe nanje+.
20 Yehova ampemba nk’uko ubugororotsi bwanje buri+;Nk’uko ukudahumana kw’amaboko yanje kuri, ni ko anyishura+.
21 Kuko nagumije inzira za Yehova+,Kandi sinakoze nabi ngo mvirire Imana yanje+.
22 Kuko ingingo z’ubutungane zayo zose ziri imbere yanje+,Kandi ivyagezwe vyayo sinzovyigiza kure yanje+.
23 Nzokwerekana ko ntagira amahinyu kuri yo+,Kandi nzokwirinda ntihagire ikosa rimbako+.
24 Yehova nanyishure nk’uko ubugororotsi bwanje buri+,Nk’uko ukudahumana kw’amaboko yanje kuri, mu maso yiwe+.
25 Ku ntahemuka uzokwerekana ko udahemuka+;Ku muntu w’umugabo atagira amahinyu, uzokwerekana ko utagira amahinyu+.
26 Ku wuguma adahumanye uzokwerekana ko udahumanye+;Ku wuhetaraye na we uzokwerekana ko ugoramye+;
27 Kuko abantu b’abarushwa wewe ubwawe uzobakiza+;Mugabo amaso yibona uzoyashira hasi+.
28 Kuko ari wewe uzokwatsa itara ryanje, ewe Yehova+!Imana yanje ubwayo izotuma umwiza wanje ukayangana+.
29 Kuko ku bwawe nshobora gukinagiza akagwi k’abambuzi+;Kandi ku bw’Imana yanje ndashobora kwurira uruhome+.
30 Nayo Imana y’ukuri, inzira yayo ntigira akanenge+;Ijambo rya Yehova ni irityoroye+.Abera inkinzo abahungira muri we bose+.
31 Kuko, ni nde ari Imana atari Yehova+?Kandi ni nde ari igitandara kiretse Imana yacu+?
32 Imana y’ukuri ni yo inkenyeza cane inkomezi+,Kandi izoha inzira yanje kutagira akanenge+,
33 Ni yo ihindura ibirenge vyanje nk’ivy’impongokazi+,Kandi ahantu hakirurutse kuri jewe ni ho iguma impagaritse+.
34 Yigisha ibiganza vyanje intambara+,Kandi amaboko yanje yagonze umuheto w’umujumpu+.
35 Uzompa inkinzo yawe y’ubukiriro+,Kandi ukuryo kwawe kuzonshigikira+,Kandi ukwicisha bugufi kwawe kuzongira uwuhambaye+.
36 Uzotegura ikibanza cagutse bihagije ku bw’intambuko zanje munsi yanje+,Kandi amaso y’ibirenge vyanje ntazogenda anyoganyoze+.
37 Nzokurikirana abansi banje ndabahamvye;Kandi sinzohindukira badatikiye+.
38 Nzobavunagura ku buryo badashobora guhaguruka+;Bazogwa munsi y’ibirenge vyanje+.
39 Uzonkenyeza inkomezi ku bw’intambara;Uzotuma abankurira hasi binimba hasi munsi yanje+.
40 Nayo abansi banje, ntuzobura kumpa igikanu cabo+;Nayo abanyanka urunuka, nzobanumya+.
41 Baratabaza, mugabo nta mukiza ariho+,Bagatabaza Yehova, mugabo ntagende abishuye+.
42 Kandi nzobahonda banoge nk’umukungugu imbere y’umuyaga+;Nzobasuka nk’urwondo rwo mu mabarabara+.
43 Uzonkiza ugutorana amahinyu kw’abantu+.Uzongira umukuru* w’amahanga+.Abantu ntamenye, abo ni bo bazonkorera+.
44 Bazokwumva inkuru ku matwi gusa bangamburukire+;Abanyamahanga ubwabo bazoza kuri jewe bahinda agashitsi+.
45 Abanyamahanga ubwabo bazoyāma,Kandi bazova mu bibambazi vyabo bajugumira+.
46 Yehova ni muzima+, kandi Igitandara canje nigihezagirwe+,Kandi Imana y’ubukiriro bwanje nishirwe hejuru+.
47 Imana y’ukuri ni yo impora+;Imara igabo ibisata vy’abantu munsi yanje+.
48 Irankiza abansi banje buzuye ishavu+;Uzonduza unshire hejuru y’abankurira hasi+,Uzondokora unkize umuntu w’ubukazi+.
49 Ni co gituma nzoguhaya mu mahanga, ewe Yehova+,Kandi nzohibongoreza izina ryawe+.
50 Akorera umwami wiwe ibikorwa bikomeye vy’ubukiriro+,Akagirira ubuntu bwuzuye urukundo uwo yarobanuje amavuta+,Akabugirira Dawidi n’uruvyaro rwiwe gushika igihe kitagira urugero+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Canke, “ku mababa y’umuyaga.”
^ Ijambo ku rindi ni “umutwe.”