Zaburi 17:1-15
Isengesho rya Dawidi.
17 Niwumve ibigororotse, Yehova we; niwumvirize akamo k’ukwinginga kwanje+;Tega ugutwi isengesho ryanje ridatuwe n’iminwa ivuga ivy’ubuhendanyi+.
2 Urubanza rwanje niruzanane imbere yawe+;Amaso yawe niyitegereze ukugororoka+.
3 Wasuzumye umutima wanje, wangenduye mw’ijoro+,Warantyoroye; uzobona yuko ata mugambi mubi nateguye+.Akanwa kanje ntikazogabitanya+.
4 Ku bijanye n’ibikorwa vy’abantu,Jewe naririnze iminyuro y’umwambuzi biciye kw’ijambo ry’iminwa yawe+.
5 Intambuko zanje nizifate imihora yawe+,Muri yo amakanda yanje ntazogenda anyiganyijwe+.
6 Jewe ndakwambaza, kuko uzonyishura, Mana+!Ntega ugutwi. Niwumve ijambo ryanje+.
7 Nutume ibikorwa vyawe vy’ubuntu bwuzuye urukundo biba agatangaza+, ewe Mukiza w’abarondera ubuhungiroBahunga abagarariza ukuryo kwawe+.
8 Nunzigame nk’imbone y’ijisho+,Umpishe mu gitutu c’amababa yawe+,
9 Kubera ababisha banyaze.Abansi b’ubuzima bwanje baguma bansugereza+.
10 Bizitije ikinure cabo+;Bavuganye ubwibone n’akanwa kabo+;
11 Ku bijanye n’intambuko zacu, ubu baradukikuje+;Baguma bashinze ijisho kugira baduture hasi+.
12 Ishusho y’umubisha ni iy’intambwe ishashaye gutabagura+Be n’iy’intambwe y’umukangara ibunze ahantu hihishije.
13 Haguruka, Yehova we; nuhangane na we amaso mu yandi+;Mwunamike; kiza ubuzima bwanje umubisha ukoresheje inkota yawe+,
14 Ubukize abantu ukoresheje ukuboko kwawe, ewe Yehova+!Ubukize abantu b’iki gihe+, abo umuturi wabo uri muri ubu buzima+,N’inda yabo ukayuzuza itunga ryawe ryahishijwe+,Abahagijwe abahungu+Kandi bakarundira abana babo ibisigi vyabo+.
15 Nayo jewe, mu bugororotsi nzokwitegereza mu maso hawe+;Nzohaga ninikangurira kuraba ishusho yawe+.