Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 16:1-11

Mikitamu ya Dawidi. 16  Nzigama, ewe Mana, kuko nahungiye muri wewe+.   Nabwiye Yehova nti: “Uri Yehova; ineza yanje, si ku bwawe+,   Mugabo ni ku beranda bari mw’isi. Abo, egome abakomakomeye, ni bo mpimbarirwa rwose+.”   Imibabaro iba myinshi kuri barya bihutira gukurikira iyindi mana+. Sinzosuka amashikanwa yazo y’ikinyobwa y’amaraso+, Kandi sinzotwara amazina yazo ku minwa yanje+.   Yehova ni we mugabane w’umuturi nahawe+ akaba n’umugabane w’igikombe canje+. Intoranwa yanje urayigumije.   Amakamba yo gupimisha angwiriye ahantu hahimbaye+. Ni ukuri, inyegu yanje iranshimishije.   Nzohezagira Yehova, we yangiriye inama+. Ni ukuri, mu bihe vy’ijoro amafyigo yanje yarankosoye+.   Nashize Yehova imbere yanje nantaryo+. Kubera ko ari iburyo bwanje, sinzonyiganyizwa+.   Ni co gituma umutima wanje unezerwa, n’ubuninahazwa bwanje bukumva buhimbawe+. Vyongeye, umubiri wanje uzokwiberaho mu mutekano+. 10  Kuko utazompebera mu kuzimu+. Ntuzokwemera ko intahemuka yawe ibona icobo+. 11  Uzomenyesha umunyuro w’ubuzima+. Umunezero uhagije uri imbere yo mu maso hawe+; Ubuhimbare buri iruhande y’ukuryo kwawe ibihe bidahera+.

Amakuru yiyongereye