Zaburi 15:1-5

Agahibongozo ka Dawidi. 15  Ewe Yehova, ni nde azoba umushitsi mw’ihema ryawe+?Ni nde azoba ku musozi wawe mweranda+?   Ni uwugenda ata mahinyu+, agakora ibigororotse+,Kandi akavuga ukuri mu mutima wiwe+.   Nta we yabesheye n’ururimi rwiwe+.Nta kibi na kimwe yakoreye mugenziwe+,Kandi nta ceyi yasize umugenzi wiwe somambike+.   Mu maso yiwe uwugayitse ntabura gutabwa nk’akanuka+,Mugabo abatinya Yehova arabatera iteka+.Ico yarahiye naho comugirira nabi, ntahindura+.   Amahera yiwe ntiyayatanze ku nyungu+,Kandi ntiyakiriye igiturire co gutsindisha intungane+.Uwukora ivyo bintu ntazokwigera anyiganyizwa+.

Utujambo tw'epfo