Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 149:1-9

149  Shemeze Ya+!Ririmbire Yehova ururirimbo rushasha+,Ririmbe ishemezo ryiwe mw’ishengero ry’intahemuka+.   Isirayeli ninezererwe Umuhinguzi wayo Ahambaye+,Abana ba Siyoni, emwe, nibahimbarirwe Umwami wabo+.   Nibashemeze izina ryiwe batamba+.Nibamuhibongoreze bavuza akagoma n’inanga+.   Kuko Yehova ahimbarwa n’abantu biwe+.Aha ubwiza abatekereza mu kubambika ubukiriro+.   Intahemuka nibigine mu buninahazwa;Nibihe akamo k’umunezero ku bitanda vyabo+.   Indirimbo zihayagiza Imana nizibe mu muhogo wabo+,Inkota y’ubugi bubiri ibe mu kuboko kwabo+,   Ngo hashitswe ukwihōra ku mahanga+,Uguhambarirwa ku miryango y’amahanga+,   Ngo abami babo baboheshwe iminyororo+,Abaninahaye babo na bo amapingu y’icuma,   Ngo bashitsweko ingingo y’ubutungane yanditswe+.Mwene ubwo bwiza bwakaka ni ubw’intahemuka ziwe zose+.Shemeze Ya+!

Amakuru yiyongereye