Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 147:1-20

147  Shemeze Ya+! Kuko ari vyiza guhibongoreza Imana yacu+;Kuko bihimbaye, emwe, ishemezo rirabereye+.   Yehova arubaka Yeruzalemu+;Abashwiragiye ba Isirayeli arabakoraniriza hamwe+.   Akiza+ abavunitse umutima+,Agatubika ahantu habababaza+.   Araharura igitigiri c’inyenyeri+;Zose azihamagara mu mazina yazo+.   Umukama wacu arahambaye kandi agwije ububasha+;Ugutegera kwiwe ntigushobora kudondwa+.   Yehova aratabara abatekereza+;Amanura ababisha gushika hasi+.   Nimwitabe Yehova mukenguruka+;Nimuhibongoreze Imana yacu ku nanga+,   Umwe apfukisha amajuru ibicu+,Umwe ategurira isi imvura+,Umwe atuma imisozi inagako ivyatsi bitoto+.   Aha ibikoko indya zavyo+,Akaziha ibikona bikiri bito biguma bihamagara+. 10  Ntanezerwa n’ubushobozi bw’ifarasi+,Canke ngo ahimbarwe n’amaguru y’umuntu+. 11  Yehova ahimbarwa na barya bamutinya+,Barya barindiriye ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+. 12  Keza Yehova+, Yeruzalemu we!Shemeza Imana yawe, Siyoni we+! 13  Kuko yakomeje ibihindizo vy’amarembo yawe;Yahezagiye abana bawe hagati muri wewe+. 14  Ashira amahoro mu karere kawe+;Aguma aguhaza ikinure c’ingano+. 15  Arungika kw’isi iryo avumereye+;Ijambo ryiwe ririruka n’umuvuduko. 16  Atanga shelegi nk’ubwoya+;Utubarafu adusanzaza nk’iminyota+. 17  Ata ibarafu yiwe nk’ibimanyu vy’umukate+.Ni nde yohagarara imbere y’ubukanye bwiwe+? 18  Arungika ijambo ryiwe+ akabishongesha.Atuma umuyaga wiwe uhuhuta+;Amazi aratemba. 19  Ahishurira ijambo ryiwe Yakobo+,Ingingo nyobozi ziwe+ n’ingingo ziwe z’ubutungane akabihishurira Isirayeli+. 20  Nta rindi hanga na rimwe yagiriye gutyo+;Nayo ingingo ziwe z’ubutungane, ntibazimenye+.Shemeze Ya+!

Amakuru yiyongereye