Zaburi 145:1-21

Ishemezo. Ni izaburi ya Dawidi. א [ʼAlefu] 145  Nzogushira hejuru, ewe Mana yanje, wewe Mwami+,Kandi nzohezagira izina ryawe gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+. ב [Beti]   Nzoguhezagira burinde bwira+,Kandi nzoshemeza izina ryawe gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+. ג [Gimelu]   Yehova arahambaye kandi ni uwo gushemezwa rwose+,Kandi ubukuru bwiwe ntibuserangurika+. ד [Daleti]   Uko iyaruka rikurikira irindi, rizokeza ibikorwa vyawe+,Kandi bazotangaza ibikorwa vyawe vy’inkomezi+. ה [Heʼ]   Ubwiza bwakaka buninahaye bw’iteka ryawe+Be n’ibintu vy’ibikorwa vyawe vy’agatangaza, nzovyitwararika+. ו [Vau]   Bazoyaga inkomezi z’ibintu vyawe biteye ubwoba+;Nayo ubukuru bwawe, nzobumenyesha+. ז [Zayini]   Bazodudubiza amajambo bavuga ubwinshi bw’ukumera neza kwawe+,Kandi kubera ubugororotsi bwawe, bazokwiha akamo k’umunezero+. ח [Heti]   Yehova ni umunyempuhwe n’umunyembabazi+,Ateba gushavura, kandi agwije ubuntu bwuzuye urukundo+. ט [Teti]   Yehova ni mwiza kuri bose+,Kandi imbabazi ziwe ziri ku bikorwa vyiwe vyose+. י [Yodi] 10  Ibikorwa vyawe vyose bizoguhaya, ewe Yehova+,Kandi intahemuka zawe bazoguhezagira+. כ [Kafu] 11  Bazoyaga ubuninahazwa bw’ingoma yawe+,Bongere bavuge ubushobozi bwawe+, ל [Lamedi] 12  Kugira abana b’abantu bamenyeshwe ibikorwa vyiwe vy’inkomezi+,Be n’ubuninahazwa bw’ubwiza bwakaka bw’ingoma yiwe+. מ [Memu] 13  Ingoma yawe ni ingoma y’ibihe vyose bitagira urugero+,Kandi inganji yawe irabandanya mu mayaruka akurikirana yose+. ס [Sameki] 14  Yehova ashigikira abatemba bose+,Kandi ahagurutsa abunamye bose+. ע [ʽAyini] 15  Vyose bihanga amaso wewe bifise ukwizigira+,Nawe ukabiha indya zavyo mu kiringo cazo+. פ [Peʼ] 16  Upfumbaturura ikiganza cawe+Ugahaza icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose+. צ [Tsade] 17  Yehova ni umugororotsi mu nzira ziwe zose+Akaba n’intahemuka mu bikorwa vyiwe vyose+. ק [Kofu] 18  Yehova ari hafi y’abamwambaza bose+,Hafi y’abamwambaza mu kuri bose+. ר [Reshi] 19  Icipfuzo c’abamutinya azogishitsa+,Kandi azokwumva ugutabaza kwabo, abakize+. ש [Sini] 20  Yehova arinda abamukunda bose+,Mugabo ababisha bose azobazimanganya+. ת [Tau] 21  Akanwa kanje kazovuga ishemezo rya Yehova+;Ikiri n’umubiri cose nigihezagire izina ryiwe ryeranda gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+.

Utujambo tw'epfo