Zaburi 145:1-21
Ishemezo. Ni izaburi ya Dawidi.
א [ʼAlefu]
145 Nzogushira hejuru, ewe Mana yanje, wewe Mwami+,Kandi nzohezagira izina ryawe gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+.
ב [Beti]
2 Nzoguhezagira burinde bwira+,Kandi nzoshemeza izina ryawe gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+.
ג [Gimelu]
3 Yehova arahambaye kandi ni uwo gushemezwa rwose+,Kandi ubukuru bwiwe ntibuserangurika+.
ד [Daleti]
4 Uko iyaruka rikurikira irindi, rizokeza ibikorwa vyawe+,Kandi bazotangaza ibikorwa vyawe vy’inkomezi+.
ה [Heʼ]
5 Ubwiza bwakaka buninahaye bw’iteka ryawe+Be n’ibintu vy’ibikorwa vyawe vy’agatangaza, nzovyitwararika+.
ו [Vau]
6 Bazoyaga inkomezi z’ibintu vyawe biteye ubwoba+;Nayo ubukuru bwawe, nzobumenyesha+.
ז [Zayini]
7 Bazodudubiza amajambo bavuga ubwinshi bw’ukumera neza kwawe+,Kandi kubera ubugororotsi bwawe, bazokwiha akamo k’umunezero+.
ח [Heti]
8 Yehova ni umunyempuhwe n’umunyembabazi+,Ateba gushavura, kandi agwije ubuntu bwuzuye urukundo+.
ט [Teti]
9 Yehova ni mwiza kuri bose+,Kandi imbabazi ziwe ziri ku bikorwa vyiwe vyose+.
י [Yodi]
10 Ibikorwa vyawe vyose bizoguhaya, ewe Yehova+,Kandi intahemuka zawe bazoguhezagira+.
כ [Kafu]
11 Bazoyaga ubuninahazwa bw’ingoma yawe+,Bongere bavuge ubushobozi bwawe+,
ל [Lamedi]
12 Kugira abana b’abantu bamenyeshwe ibikorwa vyiwe vy’inkomezi+,Be n’ubuninahazwa bw’ubwiza bwakaka bw’ingoma yiwe+.
מ [Memu]
13 Ingoma yawe ni ingoma y’ibihe vyose bitagira urugero+,Kandi inganji yawe irabandanya mu mayaruka akurikirana yose+.
ס [Sameki]
14 Yehova ashigikira abatemba bose+,Kandi ahagurutsa abunamye bose+.
ע [ʽAyini]
15 Vyose bihanga amaso wewe bifise ukwizigira+,Nawe ukabiha indya zavyo mu kiringo cazo+.
פ [Peʼ]
16 Upfumbaturura ikiganza cawe+Ugahaza icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose+.
צ [Tsade]
17 Yehova ni umugororotsi mu nzira ziwe zose+Akaba n’intahemuka mu bikorwa vyiwe vyose+.
ק [Kofu]
18 Yehova ari hafi y’abamwambaza bose+,Hafi y’abamwambaza mu kuri bose+.
ר [Reshi]
19 Icipfuzo c’abamutinya azogishitsa+,Kandi azokwumva ugutabaza kwabo, abakize+.
ש [Sini]
20 Yehova arinda abamukunda bose+,Mugabo ababisha bose azobazimanganya+.
ת [Tau]
21 Akanwa kanje kazovuga ishemezo rya Yehova+;Ikiri n’umubiri cose nigihezagire izina ryiwe ryeranda gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+.