Zaburi 144:1-15
Ni izaburi ya Dawidi.
144 Hahezagirwe Yehova we Gitandara canje+,Uwigisha amaboko yanje kurwana+,Akigisha intoke zanje intambara;
2 Ni we buntu bwuzuye urukundo bwanje n’igihome canje gikomeye+,Ahantu hanje hakirurutse hatagira inkomanzi akaba n’uwunkiza+,Inkinzo yanje+ akaba n’uwo nahungiyemwo+,Umwe amara igabo ibisata vy’abantu munsi yanje+.
3 Ewe Yehova, umuntu ni iki ngo umwitwararike+,Umwana w’umuntu buntu+ ngo umwiteho?
4 Umuntu ubwiwe ameze nk’impemu nsa zisohotse+;Imisi yiwe ni nk’igitutu gihita+.
5 Ewe Yehova, nuhete amajuru yawe, umanuke+;Nukore ku misozi, ifumbe umwotsi+.
6 Nuravye imiravyo, ubasanzaze+;Rungika imyampi yawe, ubate mu muvurungano+.
7 Tuma amaboko yawe uri iyo hejuru+;Numbohore, undokore muri ya mazi menshi+,Mu kuboko kw’abanyamahanga+,
8 Abo akanwa kabo kavuze ivy’ububeshi+,Ukuryo kwabo na kwo kukaba ari ukuryo kw’ikinyoma+.
9 Ewe Mana, nzokuririmbira ururirimbo rushasha+.Ku gicurarangisho c’imirya cumi, nzoguhibongoreza+,
10 Umwe aha ubukiriro abami+,Umwe aha Dawidi umusavyi wiwe kwidegemvya akamukiza inkota ikora inabi+.
11 Numpe kwidegemvya, undokore mu kuboko kw’abanyamahanga+,Abo akanwa kabo kavuze ivy’ububeshi+,Ukuryo kwabo na kwo kukaba ari ukuryo kw’ikinyoma+,
12 Bakavuga bati: “Abahungu bacu ni nk’uduterwa dutoduto twakuze mu buto bwatwo+,Abakobwa bacu na bo nk’imfuruka zibajwe kurya bashariza ikirimba,
13 Ubushinguro bwacu bukaba bwuzuye, bukagenda buratanga ibintu vy’ubwoko butandukanye+,Imikuku yacu ikongerekana, umwumwe ukigwiza ibihumbi, ibihumbi cumi, mu mabarabara yacu,
14 Inka zacu zikaba ziremerewe, ata kumena canke kuramburura+,Kandi ata maborogo mu bibanza vyacu vya bose+.
15 Hahiriwe abantu ivyabo bimeze gutyo!”Hahiriwe abantu Imana yabo ari Yehova+!