Zaburi 143:1-12
Agahibongozo ka Dawidi.
143 Ewe Yehova, niwumve isengesho ryanje+;Tega ugutwi ukwinginga kwanje+.Mu bwizigirwa bwawe, nunyishure mu bugororotsi bwawe+.
2 Kandi ntujane mu rubanza umusavyi wawe ngo muburane+;Kuko ata muzima n’umwe ashobora kuba umugororotsi imbere yawe+.
3 Kuko umwansi yankurikiranye+;Yajanjaguye ubuzima bwanje gushika hasi+.Yatumye mba mu bibanza vy’umwiza nk’abapfuye ku bw’igihe kitagira urugero+.
4 Kandi umushaha wanje+ uradendebukiwe muri jewe;Hagati muri jewe, umutima wanje uratimvye+.
5 Nibutse imisi ya kera+;Nazirikanye igikorwa cawe cose+;Nagumye nitwararitse igikorwa c’amaboko yawe ndabikunze+.
6 Nagusanziye amaboko yanje+;Kuri wewe umutima wanje umeze nk’igihugu kirushe+. Sela.
7 Nunyaruke, nunyishure, ewe Yehova+!Inkomezi zanje zirarangiye*+.Mu maso hawe ntuhampishe+,Ahandiho noca mera nk’abamanuka mu cobo+.
8 Mu gitondo nutume numva ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+,Kuko muri wewe ari ho nashize ivyizigiro vyanje+.Numenyeshe inzira nkwiye kugenderamwo+,Kuko nakirurukije umutima wanje kuri wewe+.
9 Nundokore unkize abansi banje, ewe Yehova+!Nanyegeye iwawe+.
10 Nyigisha gukora ukugomba kwawe+,Kuko uri Imana yanje+.Impwemu yawe ni nziza+;Ninyobore mu gihugu c’ukugororoka+.
11 Ku bw’izina ryawe+, ewe Yehova, nunzigame+.Mu bugororotsi bwawe+, nukure ubuzima bwanje mu marushwa+.
12 Mu buntu bwuzuye urukundo bwawe, nunumye abansi banje+;Nurandure abo bose banka ubuzima bwanje+,Kuko ndi umusavyi wawe+.
Utujambo tw'epfo
^ Ijambo ku rindi ni “impwemu yanje irarangiye.”