Zaburi 143:1-12

Agahibongozo ka Dawidi. 143  Ewe Yehova, niwumve isengesho ryanje+;Tega ugutwi ukwinginga kwanje+.Mu bwizigirwa bwawe, nunyishure mu bugororotsi bwawe+.   Kandi ntujane mu rubanza umusavyi wawe ngo muburane+;Kuko ata muzima n’umwe ashobora kuba umugororotsi imbere yawe+.   Kuko umwansi yankurikiranye+;Yajanjaguye ubuzima bwanje gushika hasi+.Yatumye mba mu bibanza vy’umwiza nk’abapfuye ku bw’igihe kitagira urugero+.   Kandi umushaha wanje+ uradendebukiwe muri jewe;Hagati muri jewe, umutima wanje uratimvye+.   Nibutse imisi ya kera+;Nazirikanye igikorwa cawe cose+;Nagumye nitwararitse igikorwa c’amaboko yawe ndabikunze+.   Nagusanziye amaboko yanje+;Kuri wewe umutima wanje umeze nk’igihugu kirushe+. Sela.   Nunyaruke, nunyishure, ewe Yehova+!Inkomezi zanje zirarangiye*+.Mu maso hawe ntuhampishe+,Ahandiho noca mera nk’abamanuka mu cobo+.   Mu gitondo nutume numva ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+,Kuko muri wewe ari ho nashize ivyizigiro vyanje+.Numenyeshe inzira nkwiye kugenderamwo+,Kuko nakirurukije umutima wanje kuri wewe+.   Nundokore unkize abansi banje, ewe Yehova+!Nanyegeye iwawe+. 10  Nyigisha gukora ukugomba kwawe+,Kuko uri Imana yanje+.Impwemu yawe ni nziza+;Ninyobore mu gihugu c’ukugororoka+. 11  Ku bw’izina ryawe+, ewe Yehova, nunzigame+.Mu bugororotsi bwawe+, nukure ubuzima bwanje mu marushwa+. 12  Mu buntu bwuzuye urukundo bwawe, nunumye abansi banje+;Nurandure abo bose banka ubuzima bwanje+,Kuko ndi umusavyi wawe+.

Utujambo tw'epfo

Ijambo ku rindi ni “impwemu yanje irarangiye.”