Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 142:1-7

Masikili. Ni izaburi ya Dawidi, igihe yari mw’isenga+. Isengesho. 142  Natabaje Yehova n’ijwi ryanje+; Natanguye kuririra Yehova n’ijwi ryanje ngo angirire ubutoni+.   Imbere yiwe nagumye nsuka amaganya yanje+; Imbere yiwe nabandanije kuvuga amarushwa yanje+,   Igihe umushaha wanje+ wadendebukirwa muri jewe. Waciye umenya ibarabara ryanje+. Mu munyuro ngenderamwo+ Bahanyegeje umutego wo kuncakira+.   Raba iburyo ubone Yuko ata n’umwe yerekana na gatoyi ko anzi+. Ubuhungiro bwanje bwampezeko+; Nta n’umwe abaza ivy’ubuzima bwanje+.   Naragutabaje, ewe Yehova+! Navuze nti: “Uri ubuhungiro bwanje+, Umuturi wanje+ mu  gihugu c’abazima+.”   Niwumvirize akamo kanje k’ukwinginga+, Kuko nsigaye nifumbereje rwose+. Nundokore unkize abampama+, Kuko bakomeye kundusha+.   Nukure ubuzima bwanje mu gasho+ Ngo buhaye izina ryawe+. Abagororotsi nibakoranire irya n’ino yanje+, Kuko ungirira ibibereye+.

Amakuru yiyongereye