Zaburi 141:1-10

Agahibongozo ka Dawidi. 141  Ewe Yehova, narakwambaje+.Nyaragasa uze aho ndi+.Tega ugutwi ijwi ryanje iyo nguhamagaye+.   Isengesho ryanje niribe iriteguwe nk’imibavu*+ imbere yawe+,Ukuduza ibiganza kwanje na kwo kube nk’ishikanwa ry’intete ryo ku mugoroba+.   Ewe Yehova, nushirireho umurinzi akanwa kanje+;Nushire umucunzi ku muryango w’iminwa yanje+.   Ntuhengekere umutima wanje ku kintu kibi na kimwe+,Ngo nkore ibikorwa vy’agaterasoni mu bubisha+Kumwe n’abantu bamenyereye gukora ibibabaza+,Kugira sindye ku bifungurwa binovereye vyabo+.   Hamwe umugororotsi yonkubita, bwoba ari ubuntu bwuzuye urukundo angiriye+;Hamwe yonkangira na ho, yoba ari amavuta ku mutwe+,Ayo umutwe wanje utoruha wanka+.Kuko hoba hakiriho mbere isengesho ryanje mu gihe c’ivyago vyabo+.   Abacamanza babo baterewe hasi ku mpande z’urutare+,Mugabo barumvise amajambo yanje, yuko aryoshe+.   Nka kurya umuntu asatura inkwi akazimanyagura kw’isi,Ni ko amagufa yacu yasanzajwe ku munwa w’ukuzimu+.   Ariko rero, ni wewe mpanze amaso+, ewe Yehova Mukama Segaba+!Nahungiye muri wewe+.Ntusēse ubuzima bwanje+.   Nundinde ivyara vy’umutego banteze+,Undinde n’imitego y’abamenyereye gukora ibibabaza+. 10  Ababisha bazogwa bose hamwe mu nsenga zabo+,Nayo jewe nirenganire.

Utujambo tw'epfo

Canke, “ububani.”