Zaburi 141:1-10
Agahibongozo ka Dawidi.
141 Ewe Yehova, narakwambaje+.Nyaragasa uze aho ndi+.Tega ugutwi ijwi ryanje iyo nguhamagaye+.
2 Isengesho ryanje niribe iriteguwe nk’imibavu*+ imbere yawe+,Ukuduza ibiganza kwanje na kwo kube nk’ishikanwa ry’intete ryo ku mugoroba+.
3 Ewe Yehova, nushirireho umurinzi akanwa kanje+;Nushire umucunzi ku muryango w’iminwa yanje+.
4 Ntuhengekere umutima wanje ku kintu kibi na kimwe+,Ngo nkore ibikorwa vy’agaterasoni mu bubisha+Kumwe n’abantu bamenyereye gukora ibibabaza+,Kugira sindye ku bifungurwa binovereye vyabo+.
5 Hamwe umugororotsi yonkubita, bwoba ari ubuntu bwuzuye urukundo angiriye+;Hamwe yonkangira na ho, yoba ari amavuta ku mutwe+,Ayo umutwe wanje utoruha wanka+.Kuko hoba hakiriho mbere isengesho ryanje mu gihe c’ivyago vyabo+.
6 Abacamanza babo baterewe hasi ku mpande z’urutare+,Mugabo barumvise amajambo yanje, yuko aryoshe+.
7 Nka kurya umuntu asatura inkwi akazimanyagura kw’isi,Ni ko amagufa yacu yasanzajwe ku munwa w’ukuzimu+.
8 Ariko rero, ni wewe mpanze amaso+, ewe Yehova Mukama Segaba+!Nahungiye muri wewe+.Ntusēse ubuzima bwanje+.
9 Nundinde ivyara vy’umutego banteze+,Undinde n’imitego y’abamenyereye gukora ibibabaza+.
10 Ababisha bazogwa bose hamwe mu nsenga zabo+,Nayo jewe nirenganire.
Utujambo tw'epfo
^ Canke, “ububani.”