Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 140:1-13

Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi. 140  Ewe Yehova, nuntabare abantu babi+; Nunzigame undinde umuntu w’ibikorwa vy’ubukazi+,   Abateguye umugambi w’ibintu bibi mu mutima wabo+, Bakaguma bagaba ibitero nko mu ntambara bukarinda bwira+.   Bakarihije ururimi rwabo nka rurya rw’inzoka+; Ubwayi bw’imamba y’amahembe buri munsi y’iminwa yabo+. Sela.   Nundinde, ewe Yehova, amaboko y’umubisha+; Nunzigame undinde umuntu w’ibikorwa vy’ubukazi+, Abateguye umugambi wo guhenura intambuko zanje+.   Abinantaje banyegeje umutego wo kuncakira+; Imigozi barashanje nk’urusenga iruhande y’umuhora+. Imitego baranteze+. Sela.   Nabwiye Yehova nti: “Uri Imana yanje+. Tega ugutwi, ewe Yehova, ijwi ry’ukwinginga kwanje+.”   Ewe Yehova Mukama Segaba+, nkomezi z’ubukiriro bwanje+, Wakingīriye umutwe wanje ku musi w’ingabo+.   Ewe Yehova, ntuhe umubisha ivyo ahahamiye+. Ntushigikire umugambi wiwe mubi, kugira ntibashirwe hejuru+. Sela.   Nayo imitwe y’abankikuje+, Ivyago vy’iminwa yabo nibiyipfuke+. 10  Amakara yaka natibagurirwe kuri bo+. Nibagwishwe mu muriro+, mu vyobo vy’amazi, ntibasubire guhaguruka+. 11  Imvuzi y’agakomeye, ntishimangirwe mw’isi+. Umuntu w’ubukazi, ikibi ubwaco nikimuhame, kimukubite urutavanako+. 12  Ndazi neza ko Yehova azoshitsa+ Imburano z’umurushwa, urubanza rw’aboro+. 13  Ni ukuri, abagororotsi bazokengurukira izina ryawe+; Abagororotse bazokwibera imbere yo mu maso hawe+.

Amakuru yiyongereye