Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 14:1-7

Ku muyobozi. Ni izaburi ya Dawidi. 14  Imburabwenge yavuze mu mutima wayo ngo: “Yehova nta wuriho+.” Barikwegeye guhona+, bakoze ibiteye ishishi. Nta n’umwe ariho akora iciza+.   Nayo Yehova, yaravye hasi ari mw’ijuru, araba abana b’abantu+, Ngo arabe ko hariho uwufise ugutahura kwimbitse, uwurondera Yehova+.   Bose barakebeje+, bose ni cokimwe barononekaye+; Nta n’umwe ariho akora iciza+, Habe n’umwe+.   Mbega nta n’umwe mu bakora ibintu bibabaza yaronse ubumenyi+, Ko barotsa abantu banje nk’uko bariye umukate+? Ntibarushe bambaza Yehova+.   Aho nyene baratekewe n’ubwoba bwinshi+, Kuko Yehova ari hagati mw’iyaruka ry’umugororotsi+.   Impanuro y’umurushwa mwarayimaramaza, Kuko Yehova ari ubuhungiro bwiwe+.   Ese icompa i Siyoni hakava ubukiriro bwa Isirayeli+! Yehova niyagarukana abantu biwe bagizwe imbohe+, Yakobo aze anezerwe, Isirayeli ahimbarwe+.

Amakuru yiyongereye