Zaburi 139:1-24

Ku muyobozi. Ni izaburi ya Dawidi. Agahibongozo. 139  Ewe Yehova, waranseranguye, kandi uranzi+.   Urazi iyicara ryanje n’ihaguruka ryanje+.Warimbūriye kure iciyumviro canje+.   Ukugenda kwanje n’ukuryama kwanje niramvuye, warabigeze+,Kandi inzira zanje zose urazimenyereye+.   Kuko ata jambo riba ku rurimi rwanje+,Ewe Yehova, ngo ube utamaze kurimenya ryose+!   Inyuma n’imbere, waranyugarije;Kandi ushira ukuboko kwawe kuri jewe.   Ubwo bumenyi ni agatangaza bindengeye+.Burahanitse cane ku buryo ntoshobora kubushikira+.   Noja hehe ngo mpunge impwemu yawe+,Kandi mu maso hawe nohahungira hehe+?   Hamwe noduga mw’ijuru, ni yo woba uri+;Hamwe na ho nosasa uburiri bwanje mu kuzimu, ehe ni yo woba uri+!   Hamwe notora amababa+ y’umutwenziNgo nje kuba mu kiyaga ca kure y’ibindi vyose+, 10  No ng’aho nyene ukuboko kwawe kwonyobora+,Kandi ukuryo kwawe kwoncakira+. 11  Novuga na ho nti: “Ni ukuri umwiza uzonsūmira+!”,Ijoro ryoca riba umuco irya n’ino yanje+. 12  Mbere n’umwiza ntiwocura umwiza ngo ukubuze kubona+,Ahubwo ijoro ryobonesha nk’umurango+;Umwiza na wo nyene woba umuco+. 13  Kuko ari wewe wahinguye amafyigo yanje+;Watumye nguma ntwikiriye mu nda ya mama+. 14  Nzoguhaya kuko ndemwe mu buryo bw’agatangaza buteye ubwoba+.Ibikorwa vyawe ni agatangaza+,Kandi umutima wanje urabizi neza cane+. 15  Amagufa yanje ntiwayanyegejwe+Igihe nahingurirwa mw’ibanga+,Igihe najishirwa mu bihimba vy’epfo rwose+ vy’isi. 16  Amaso yawe yarambonye nkiri inda y’agasamo+,Kandi mu gitabu cawe ibihimba vyanje vyose vyari vyanditswe,Ku bijanye n’imisi vyabumbiweko+Kandi ata na kimwe muri vyo cari bwabeho. 17  Ese rero ukuntu ivyiyumviro vyawe ari ivy’agaciro kuri jewe+!Ewe Mana, ese ukuntu igitigiri cavyo cose hamwe ari kinini cane+! 18  Hamwe nogerageza kubiharura, biruta udutete tw’umusenyi+.Nikanguye, yamara ndacari kumwe nawe+. 19  Ese Mana wokwica umubisha+!Ni ho abagīrwa n’amaraso+ bomvako vy’ukuri, 20  Barya bakuvugako ibintu bisunze iciyumviro cabo+;Bafashe izina ryawe mu buryo butabereye+: ni bo barwanizi bawe+. 21  Mbega sinanka abakwanka urunuka ga Yehova+?Mbega sinshishwa n’abakugarariza+? 22  Ndabanka urwanko rwuzuye+.Bacitse abansi katwa kuri jewe+. 23  Mana, nunserangure umenye umutima wanje+.Nunsuzume umenye ivyiyumviro vyanje bidurumbanya+, 24  Urabe ko muri jewe hari inzira n’imwe ibabaza+,Unyobore mu nzira+ y’igihe kitagira urugero.

Utujambo tw'epfo