Zaburi 138:1-8
Ni izaburi ya Dawidi.
138 Nzoguhaya n’umutima wanje wose+.Imbere y’izindi mana, nzoguhibongoreza+.
2 Nzokwunama ntumbereye urusengero rwawe rweranda+,Kandi nzohaya izina ryawe+,Kubera ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+ no kubera ukuri kwawe+.Kuko wakujije ijambo ryawe+ ukarishira mbere hejuru y’izina ryawe ryose+.
3 Ku musi nahamagara, waranyishuye+;Watanguye kuntinyura mu mutima wanje ukoresheje inkomezi+.
4 Abami bose bo mw’isi bazoguhaya, ewe Yehova+,Kuko bazoba bumvise amajambo y’akanwa kawe.
5 Kandi bazoririmba inzira za Yehova+,Kuko ubuninahazwa bwa Yehova buhambaye+.
6 Kuko Yehova ari hejuru, yamara arabona uwuciye bugufi+;Ariko uwiduza amumenyera kure gusa+.
7 Ninaramuka ngendeye hagati mu marushwa, uzonzigamira ubuzima+.Kubera ishavu ry’abansi banje, uzotuma ukuboko kwawe+,Kandi ukuryo kwawe kuzonkiza+.
8 Yehova ubwiwe azoshitsa ivyo antegurira+.Ewe Yehova, ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ni ubwo gushika igihe kitagira urugero+.Ntute ibikorwa vy’amaboko yawe+.