Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 137:1-9

137  Iruhande y’inzuzi za Babiloni+—aho ni ho twicaye+. Mbere twararize igihe twibuka Siyoni+.   Ku biti vy’imyarava+ hagati yaho, Ni ho twamanitse inanga zacu+.   Kuko ng’aho abari batugize imbohe badusavye amajambo y’ururirimbo+, Abadutwenga na bo, badusaba umunezero+ ngo: “Nimuturirimbire rumwe mu ndirimbo z’i Siyoni+.”   Tworirimba dute ururirimbo rwa Yehova+ Ku butaka bunyamahanga+?   Ninakwibagira ga Yeruzalemu+, Ukuryo kwanje kuraca kwibagira.   Ururimi rwanje ruraca rumatana n’amagage yanje+, Hamwe ntokwibuka+, Hamwe ntoduza Yeruzalemu Hejuru y’ikintu nyamukuru kintera umunezero+.   Ewe Yehova, ibuka+ ku biraba abana ba Edomu+ wa musi wa Yeruzalemu+, Bamwe bavuga ngo: “Hakobe! Hakobe gushika no ku mushinge waho+!”   Ewe mukobwa wa Babiloni ubwirizwa kunyagwa+, Azoba ahiriwe uwuzoguhemba+ Akakugirira uko ubwawe watugiriye+.   Azoba ahiriwe uwuzofata abana bawe Akabasābiriza+ ku rutare.

Amakuru yiyongereye