Zaburi 135:1-21

135  Shemeze Ya+!Nimushemeze izina rya Yehova+,Mushikane ishemezo, yemwe basavyi ba Yehova+,   Mwebwe abahagarara mu nzu ya Yehova+,Mu bigo vy’inzu y’Imana yacu+.   Shemeze Ya, kuko Yehova ari mwiza+.Nimuhibongoreze izina ryiwe, kuko bihimbaye+.   Kuko Ya yitoreye Yakobo+,Isirayeli ngo abe inyegu yiwe idasanzwe+.   Kuko jewe nzi neza yuko Yehova ahambaye+,Kandi ko Umukama wacu aruta izindi mana zose+.   Ivyo Yehova yahimbawe no gukora vyose yarabikoze+Mu majuru no mw’isi, mu biyaga no mu nyenga z’amazi zose+.   Atuma imyuka iduga kuva ku mpera y’isi+;Yakoreye imvura ingomero+;Asohora umuyaga mu bigega vyiwe+,   We yariritse imfura za Misiri+,Umuntu hamwe n’igitungwa+.   Yarungitse ibimenyetso n’ibitangaro hagati yawe, ewe Misiri+,Kuri Farawo no ku basavyi biwe bose+; 10  We yariritse amahanga menshi+Akica abami b’abanyabushobozi+, 11  Mbere na Sihoni umwami w’Abamori+Na Ogi umwami wa Bashani+N’ubwami bwose bw’i Kanani+, 12  Ari na we yatanze igihugu cabo bwa ntoranwa+,Intoranwa ihawe Isirayeli igisata ciwe+. 13  Ewe Yehova, izina ryawe ni iryo gushika igihe kitagira urugero+.Ewe Yehova, icibutso cawe ni ic’iyaruka ku rindi+. 14  Kuko Yehova azoburanira abantu biwe+,Kandi azokwicuza ku vyerekeye abasavyi biwe+. 15  Ibigirwamana vy’amahanga ni ifeza n’inzahabu+,Igikorwa c’amaboko y’umuntu yakuwe mw’ivu+. 16  Umunwa birafise, mugabo nta co bishobora kuvuga+;Amaso birafise, mugabo nta co bishobora kubona+; 17  Amatwi birafise, mugabo nta co bishobora gutega ugutwi+.Kandi nta mpwemu iri mu kanwa kavyo+. 18  Ababikora bazomera nka vyo+,Umuntu wese avyizigira+. 19  Ewe nzu ya Isirayeli, nimuhezagire Yehova+!Ewe nzu ya Aroni, nimuhezagire Yehova+! 20  Ewe nzu ya Lewi, nimuhezagire Yehova+!Mwebwe abatinya Yehova, nimuhezagire Yehova+! 21  Yehova ahezagirwe kuva i Siyoni+,We yibera i Yeruzalemu+.Shemeze Ya+!

Amakuru yiyongereye