Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 132:1-18

Ururirimbo rw’Ukuduga. 132  Ewe Yehova, niwibuke ku vyerekeye Dawidi+Ibiteterwe vyiwe vyose+;   Ibuka ingene yarahiye Yehova+,Ingene yaraganiye wa Munyabubasha+ wa Yakobo+, ati:   “Sinzokwinjira mw’ihema ryanje, mu nzu yanje+.Sinzokwurira ku busaswa bwanje, ku buriri bwanje buhambaye+,   Sinzoha itiro amaso yanje+,Canke ngo mpe agatiro amaso yanje aca ibibatsi+,   Gushika ndonkeye Yehova ikibanza+,Ndonkeye itaberenakulo ihambaye wa Munyabubasha wa Yakobo+.”   Raba! Twavyumvise muri Efurata+,Twabisanze mu matongo y’ikibira+.   Twinjire mw’itaberenakulo yiwe ihambaye+;Twuname imbere y’intebe y’ibirenge vyiwe+.   Haguruka, Yehova we, ku bw’ahantu hawe h’ukuruhukira+,Wewe n’Isandugu+ y’inkomezi zawe+.   Abaherezi bawe nibambikwe ubugororotsi+,Intahemuka zawe na zo nizihe akamo k’umunezero+. 10  Kubera Dawidi umusavyi wawe+,Ntusubize inyuma mu maso h’uwo warobanuje amavuta+. 11  Yehova yararahiye Dawidi+,Kandi vy’ukuri ntazokwirahuruza+:“Uwo mu bura bwawe*+Nzomushira ku ntebe yawe y’ubwami+. 12  Abana bawe nibagumya isezerano ryanje+Be n’ivyibutsa vyanje nzobigisha+,N’abana babo nyene, ibihe bidahera+Bazokwicara ku ntebe yawe y’ubwami+.” 13  Kuko Yehova yatoye Siyoni+;Yarayicambiwe ngo imubere aho kuba+, ati: 14  “Aha ni ho hantu hanje h’ukuruhukira ibihe bidahera+;Aha ni ho nzoba, kuko nahacambiwe+. 15  Ibiribwa vyaho sinzobura kubihezagira+.Aboro baho nzobahaza umukate+. 16  Kandi abaherezi baho nzobambika ubukiriro+;Intahemuka zaho na zo ntizizobura kwiha akamo k’umunezero. 17  Ng’aho, nzokuza ihembe rya Dawidi+.Natunganirije itara uwo narobanuje amavuta+. 18  Abansi biwe nzobambika ibimaramare+;Mugabo umugāra wiwe+ uzosagarara kuri we+.”

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “Uwo mu vyamwa vy’inda yawe.”