Zaburi 131:1-3
Ururirimbo rw’Ukuduga. Ni izaburi ya Dawidi.
131 Ewe Yehova, umutima wanje ntiwagize ubwibone+,Canke ngo amaso yanje yishire hejuru+;Nta n’ubwo nagendeye mu bintu bihambaye kurenza+,Canke mu bintu vy’agatangaza bindengeye+.
2 Ni ukuri, nahorosheje umutima wanje, ndawutururuza+
Kurya kw’umucuko kuri nyina+.Umutima wanje umeze nk’umucuko kuri jewe+.
3 Isirayeli narindire Yehova+Kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero+.