Zaburi 131:1-3

Ururirimbo rw’Ukuduga. Ni izaburi ya Dawidi. 131  Ewe Yehova, umutima wanje ntiwagize ubwibone+,Canke ngo amaso yanje yishire hejuru+;Nta n’ubwo nagendeye mu bintu bihambaye kurenza+,Canke mu bintu vy’agatangaza bindengeye+.   Ni ukuri, nahorosheje umutima wanje, ndawutururuza+ Kurya kw’umucuko kuri nyina+.Umutima wanje umeze nk’umucuko kuri jewe+.   Isirayeli narindire Yehova+Kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero+.

Utujambo tw'epfo