Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 130:1-8

Ururirimbo rw’Ukuduga. 130  Nakwambaje ndi ibwina, ewe Yehova+!   Ewe Yehova, niwumve ijwi ryanje+. Amatwi yawe niyumvirize ijwi ry’ukwinginga kwanje+.   Iyaba amakosa ari yo ugumizako ijisho+, ewe Ya, Ewe Yehova, ni nde yohagaze+?   Kuko hari ukubabarirwa nyakuri iwawe+, Kugira ngo utinywe+.   Narizigiye, ewe Yehova, umutima wanje warizigiye+, Kandi narindiriye ijambo ryiwe+.   Umutima wanje warindiriye Yehova+ Kuruta uko inderetsi zirindira igitondo+, Zireretse igitondo+.   Isirayeli nagume arindiriye Yehova+. Kuko hari ubuntu bwuzuye urukundo kwa Yehova+, Kandi ni na ko iwe hagwiriye ugucungura+.   Kandi ni we azocungura Isirayeli, amukize amakosa yiwe yose+.

Amakuru yiyongereye