Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 129:1-8

Ururirimbo rw’Ukuduga. 129  “Barerekanye bihagije ko banyanka kuva mu buto bwanje+,” Isirayeli ubu navuge+ ati:   “Barerekanye bihagije ko banyanka kuva mu buto bwanje+; Yamara jewe ntibanesheje+.   Abarimyi barimye ku mugongo wanje+; Barehuye imirongo yabo y’ubusizi.”   Yehova ni umugororotsi+. Yacagaguye imigozi y’ababisha+.   Bazomaramara basubire inyuma+, Abo bose banka Siyoni+.   Bazocika nk’ivyatsi bitoto vyo ku bisenge+, Vyuma imbere y’uko birandurwa+,   Ivyo umushwabuzi atuzuza ukuboko kwiwe+, Canke ngo hagire uwegeranya imiganda avyuzuza igikiriza ciwe.   Eka n’abahita ntibavuze ngo: “Umuhezagiro wa Yehova ube kuri mwebwe+. Tubahezagiye mw’izina rya Yehova+.”

Amakuru yiyongereye