Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 127:1-5

Ururirimbo rw’Ukuduga. Ni izaburi ya Salomo. 127  Yehova ubwiwe atubatse inzu+, Abubatsi bayo baba baruhiye ubusa+. Yehova ubwiwe atarinze igisagara+, Umurinzi aba yagumye arikanuriye ubusa+.   Ni ivy’ubusa kuba muvyuka kare+, Kuba mwicara bwije+, Kuba mufungura ibifungurwa mu mibabaro+. Ukwo ni ko aha agatiro umukundwa wiwe+.   Raba! Abana ni intoranwa iva kuri Yehova+; Ivyamwa vy’inda ni impera atanga+.   Kurya kw’imyampi mu kuboko kw’umunyenkomezi+, Ni ko abana bo mu buto bamera+.   Hahiriwe umuntu w’umugabo yayujuje+ umutana wiwe. Ntibazomaramara+, Kuko bazovugana n’abansi mw’irembo.

Amakuru yiyongereye