Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

Zaburi 126:1-6

Ururirimbo rw’Ukuduga. 126  Igihe Yehova yagarukana imbohe za Siyoni+,Twabaye nk’abariko bararota+.   Ico gihe akanwa kacu karuzuye agatwengo+,Ururimi rwacu na rwo akamo k’umunezero+.Ico gihe batanguye kuvuga mu mahanga+ bati:“Yehova akoze ikintu gihambaye mu vyo abakoreye+.”   Yehova akoze ikintu gihambaye mu vyo adukoreye+.Turanezerewe+.   Nugarukane, ewe Yehova, umugwi wacu w’imbohe+,Nk’inzira z’imigezi i Negebu+.   Ababibana imbuto amosozi+Bazoshwaburana akamo k’umunezero+.   Uwusohotse arira+,Ajanye isaho yuzuye imbuto+,Ntazobura gutaha ari n’akamo k’umunezero+,Azanye imiganda yiwe+.

Amakuru yiyongereye