Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 125:1-5

Ururirimbo rw’Ukuduga. 125  Abizigira Yehova+ Bameze nk’umusozi Siyoni+ udashobora kunyiganyizwa, mugabo ukiberaho no gushika igihe kitagira urugero+.   Nk’uko imisozi iri irya n’ino ya Yeruzalemu+, Ni ko Yehova ari irya n’ino y’abantu biwe+ Kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero+.   Kuko agakoni k’ubutware k’ububisha katazoguma+ ku mugabane w’abagororotsi, Kugira ngo abagororotsi ntibatume ukuboko kwabo ku bukozi bw’ikibi na bumwe+.   Korera ineza abeza, ewe Yehova+, Uyikorere abagororotse mu mitima yabo+.   Nayo abakevya bakaja mu nzira zabo zihetaraye+, Yehova azobajaniranya n’abamenyereye gukora ibibabaza+. Hazoba amahoro kuri Isirayeli+.

Amakuru yiyongereye