Zaburi 124:1-8
Ururirimbo rw’Ukuduga. Ni izaburi ya Dawidi.
124 “Iyo Yehova ataba ku ruhande rwacu+,”Isirayeli ubu navuge+ ati:
2 “Iyo Yehova ataba ku ruhande rwacu+Igihe abantu baduhagurukira+,
3 Baba baratumize mbere tubona+,Igihe ishavu ryabo ryatururumbira+.
4 Amazi aba yaradukukumuye+,Uruzi rw’isumo ruba rwaraciye hejuru y’ubuzima bwacu+.
5 Amazi y’ukwita imbere+Aba yaraciye hejuru y’ubuzima bwacu.
6 Hahezagirwe Yehova, we atadutanze+Nk’inyama y’uruhigi ku menyo yabo+.
7 Ubuzima bwacu bumeze nk’inyoni icorotse+Igakira umutego w’abatezi+.Umutego uracika+,Natwe tukaba ducorotse+.
8 Ugutabarwa kwacu kuri mw’izina rya Yehova+,Wa Muhinguzi w’ijuru n’isi+.”