Zaburi 124:1-8

Ururirimbo rw’Ukuduga. Ni izaburi ya Dawidi. 124  “Iyo Yehova ataba ku ruhande rwacu+,”Isirayeli ubu navuge+ ati:   “Iyo Yehova ataba ku ruhande rwacu+Igihe abantu baduhagurukira+,   Baba baratumize mbere tubona+,Igihe ishavu ryabo ryatururumbira+.   Amazi aba yaradukukumuye+,Uruzi rw’isumo ruba rwaraciye hejuru y’ubuzima bwacu+.   Amazi y’ukwita imbere+Aba yaraciye hejuru y’ubuzima bwacu.   Hahezagirwe Yehova, we atadutanze+Nk’inyama y’uruhigi ku menyo yabo+.   Ubuzima bwacu bumeze nk’inyoni icorotse+Igakira umutego w’abatezi+.Umutego uracika+,Natwe tukaba ducorotse+.   Ugutabarwa kwacu kuri mw’izina rya Yehova+,Wa Muhinguzi w’ijuru n’isi+.”

Utujambo tw'epfo