Zaburi 122:1-9

Ururirimbo rw’Ukuduga. Ni izaburi ya Dawidi. 122  Naranezerewe igihe bambwira+ bati:“Tuje+ ku nzu ya Yehova+.”   Ibirenge vyacu vyari bihagaze+Mu marembo yawe, ewe Yeruzalemu+!   Yeruzalemu yubatswe nk’igisagara+Cafatanirijwe hamwe mu bumwe+,   Ico imiryango yaduze igana+,Imiryango ya Ya+,Bwa cibutsa kuri Isirayeli+Ku bwo gukengurukira izina rya Yehova+.   Kuko aho ari ho intebe z’ubwami z’uguca imanza ziteretse+,Intebe z’ubwami z’inzu ya Dawidi+.   Nimusabe amahoro ya Yeruzalemu+!Abagukunda ga wa gisagara, nta mwitwarariko bazogira+.   Amahoro nabandanye kuba mu gikuta cawe+,Ntihabe umwitwarariko mu minara yawe yo kubamwo+.   Ku bwa bene wacu n’abagenzi banje ngira mvuge ubu+ nti:“Nihabe amahoro iwawe+.”   Ku bw’inzu ya Yehova Imana yacu+Nzoguma nkuronderera ineza+.

Utujambo tw'epfo