Zaburi 122:1-9
Ururirimbo rw’Ukuduga. Ni izaburi ya Dawidi.
122 Naranezerewe igihe bambwira+ bati:“Tuje+ ku nzu ya Yehova+.”
2 Ibirenge vyacu vyari bihagaze+Mu marembo yawe, ewe Yeruzalemu+!
3 Yeruzalemu yubatswe nk’igisagara+Cafatanirijwe hamwe mu bumwe+,
4 Ico imiryango yaduze igana+,Imiryango ya Ya+,Bwa cibutsa kuri Isirayeli+Ku bwo gukengurukira izina rya Yehova+.
5 Kuko aho ari ho intebe z’ubwami z’uguca imanza ziteretse+,Intebe z’ubwami z’inzu ya Dawidi+.
6 Nimusabe amahoro ya Yeruzalemu+!Abagukunda ga wa gisagara, nta mwitwarariko bazogira+.
7 Amahoro nabandanye kuba mu gikuta cawe+,Ntihabe umwitwarariko mu minara yawe yo kubamwo+.
8 Ku bwa bene wacu n’abagenzi banje ngira mvuge ubu+ nti:“Nihabe amahoro iwawe+.”
9 Ku bw’inzu ya Yehova Imana yacu+Nzoguma nkuronderera ineza+.