Zaburi 121:1-8

Ururirimbo ku bw’Ukuduga. 121  Nzoraramurira amaso yanje ku misozi+.Ugutabarwa kwanje kuzova hehe+?   Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova+,Wa Muhinguzi w’ijuru n’isi+.   Ntiyoshobora kwemera ko ikirenge cawe kinyiganyiga+.Umwe akurinda ntiyoshobora guhunyiza+.   Raba! Ntazohunyiza canke ngo asinzire+,Umwe arinda Isirayeli+.   Yehova arakurinda+.Yehova ni igitutu cawe+ iburyo bwawe+.   Ku murango izuba ntirizogukubita+,Canke ukwezi mw’ijoro+.   Yehova ubwiwe azokurinda ivyago vyose+.Azorinda ubuzima bwawe+.   Yehova ubwiwe azorinda amaja n’amaza yawe+Kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero+.

Utujambo tw'epfo