Zaburi 121:1-8

Ururirimbo ku bw’Ukuduga. 121  Nzoraramurira amaso yanje ku misozi+.Ugutabarwa kwanje kuzova hehe+?  2  Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova+,Wa Muhinguzi w’ijuru n’isi+.  3  Ntiyoshobora kwemera ko ikirenge cawe kinyiganyiga+.Umwe akurinda ntiyoshobora guhunyiza+.  4  Raba! Ntazohunyiza canke ngo asinzire+,Umwe arinda Isirayeli+.  5  Yehova arakurinda+.Yehova ni igitutu cawe+ iburyo bwawe+.  6  Ku murango izuba ntirizogukubita+,Canke ukwezi mw’ijoro+.  7  Yehova ubwiwe azokurinda ivyago vyose+.Azorinda ubuzima bwawe+.  8  Yehova ubwiwe azorinda amaja n’amaza yawe+Kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero+.

Utujambo tw'epfo