Zaburi 119:1-176
א [ʼAlefu]
119 Hahiriwe abatagira amahinyu mu nzira yabo+,Abagendera mw’itegeko rya Yehova+.
2 Hahiriwe abubahiriza ivyibutsa vyiwe+;Baguma bamurondeza umutima wose+.
3 Vy’ukuri, nta bitagororotse baza barakora+.Bagendeye mu nzira ziwe+.
4 Wewe ubwawe watanze amateka yawe bwa bwirizwa+Ngo bayagumye bavyitondeye+.
5 Yoo! ese iyo inzira zanje ziba zishimangiwe+Ngo ngumye ingingo nyobozi zawe+!
6 Ni ho ntomaramara+Igihe nihweza amabwirizwa yawe yose+.
7 Nzoguhaya mu kugororoka kw’umutima+,Igihe niga ingingo zawe z’ubutungane zigororotse+.
8 Ingingo nyobozi zawe mbandanya kuzigumya+.Yoo! ntumpebe buhere+!
ב [Beti]
9 Mbega umusore+ azotyorora inzira yiwe gute?Mu kuguma yirinze nk’uko ijambo ryawe rivuga+.
10 Nakurondeje umutima wanje wose+.Ntutume nzimira ngo mve ku mabwirizwa yawe+.
11 Nabitse muri ntibate ijambo ryawe mu mutima wanje+,Kugira ngo singucumureko+.
12 Urahezagiwe, ewe Yehova!Nunyigishe ingingo nyobozi zawe+.
13 Namenyesheje n’iminwa yanje+Ingingo z’ubutungane zose z’akanwa kawe+.
14 Niginye mu nzira y’ivyibutsa vyawe+,Nk’uko bigina ibindi bintu vyose vy’agaciro+.
15 Nzokwitwararika amateka yawe+,Kandi nzokwihweza iminyuro yawe+.
16 Nzohimbarwa rwose n’ivyagezwe vyawe+.Sinzokwibagira ijambo ryawe+.
ג [Gimelu]
17 Girira umusavyi wawe uko bibereye, kugira mbeho+No kugira ngumye ijambo ryawe+.
18 Pfukura amaso yanje, kugira nihweze+Ibintu vy’agatangaza vyo mw’itegeko ryawe+.
19 Nta kindi ndi atari kavamahanga mu gihugu+.Ntumpishe amabwirizwa yawe+.
20 Umutima wanje ujanjaguwe n’ugucambirwa+Ingingo zawe z’ubutungane igihe cose+.
21 Wahambariye abita imbere b’ibivume+,Bazimira bakava ku mabwirizwa yawe+.
22 Tembagaza iceyi n’agakengerwe bimveko+,Kuko nubahirije ivyibutsa vyawe+.
23 Mbere n’abaganwa bicaye; bavuganye bandwanya+.Nayo umusavyi wawe, yitwararika ingingo nyobozi zawe+.
24 Kandi, ivyibutsa vyawe ndabikunda cane+,Ni nk’abagabo bangira inama+.
ד [Daleti]
25 Ubuzima bwanje bumase ku mukungugu+.Nunzigame nk’uko ijambo ryawe riri+.
26 Namenyesheje inzira zanje, kugira unyishure+.Nunyigishe ingingo nyobozi zawe+.
27 Nuntahuze inzira y’amateka yawe+,Kugira nitwararike ibikorwa vyawe vy’agatangaza+.
28 Umutima wanje wabuze agatiro kubera intuntu+.Numpagurutse nk’uko ijambo ryawe riri+.
29 Nunkureko inzira y’ikinyoma+,Untoneshe ukoresheje itegeko ryawe+.
30 Nahisemwo inzira y’ubwizigirwa+.Ingingo zawe z’ubutungane nabonye ko zibereye+.
31 Numiye ku vyibutsa vyawe+.Ewe Yehova, ntumaramaze+.
32 Nzokwiruka mu nzira y’amabwirizwa yawe+,Kuko utuma umutima wanje wagukirwa+.
ה [Heʼ]
33 Nunyigishe, ewe Yehova, inzira y’ingingo nyobozi zawe+,Kugira ndayubahirize gushika kw’iherezo+.
34 Nuntahuze, kugira nubahirize itegeko ryawe+No kugira ndarigumye n’umutima wanje wose+.
35 Nutume ngendera mu munyuro w’amabwirizwa yawe+,Kuko nahimbawe na wo+.
36 Hengekera umutima wanje ku vyibutsa vyawe+,Ntuwuhengekere ku nyungu+.
37 Nutume amaso yanje arengana ntabone ibitagira akamaro+;Nunzigamire ubuzima mu nzira yawe+.
38 Nushitse ku musavyi wawe ijambo ryawe+Riganisha ku kugutinya+.
39 Nutume iceyi canje gihita, ari co nagiriye ubwoba+,Kuko ingingo zawe z’ubutungane ari nziza+.
40 Raba! Naracambiwe amateka yawe+.Mu bugororotsi bwawe, nunzigamire ubuzima+.
ו [Vau]
41 Ibikorwa vyawe vy’ubuntu bwuzuye urukundo nibinzeko, ewe Yehova+,Ubukiriro bwawe bunzeko nk’uko ijambo ryawe riri+,
42 Kugira nishurishe ijambo uwunsiga iceyi+,Kuko nizigiye ijambo ryawe+.
43 Ntukūre rwose mu kanwa kanje ijambo ry’ukuri+,Kuko narindiriye ingingo yawe y’ubutungane+.
44 Nzogumya itegeko ryawe nantaryo+,Gushika igihe kitagira urugero, emwe, ibihe bidahera+.
45 Nzogendagenda ahantu hagutse+,Kuko narondeye amateka yawe+.
46 Nzoyaga kandi ivyibutsa vyawe imbere y’abami+,Kandi sinzomaramara+.
47 Nzohimbarwa rwose n’amabwirizwa yawe+Nakunze+.
48 Nzoduza ibiganza vyanje ndavyerekeza ku mabwirizwa yawe nakunze+,Kandi nzokwitwararika ingingo nyobozi zawe+.
ז [Zayini]
49 Niwibuke rya jambo wabwiye umusavyi wawe+,Iryo wandindirije+.
50 Urwo ni rwo ruhoza rwanje mu marushwa yanje+,Kuko ijambo ryawe ryanzigamiye ubuzima+.
51 Abita imbere bantwengeye mw’ijigo bimwe birengeje+.Sinakebeje ngo nte itegeko ryawe+.
52 Naributse ingingo zawe z’ubutungane zo kuva igihe kitagira urugero, ewe Yehova+,Kandi ndironkera uruhoza+.
53 Umururumbo w’ubushangashirwe waramfashe kubera ababisha+Baheba itegeko ryawe+.
54 Ingingo nyobozi zawe zacitse uduhibongozo kuri jewe+Mu nzu mbamwo ndi kavamahanga+.
55 Mw’ijoro naributse izina ryawe, ewe Yehova+,Kugira ngumye itegeko ryawe+.
56 Emwe, ivyo vyacitse rwanje,Kuko nubahirije amateka yawe+.
ח [Heti]
57 Yehova ni we muturi wanje+;Nasezeranye kugumya amajambo yawe+.
58 Nagutakambiye* n’umutima wanje wose+.Nungirire ubutoni nk’uko ijambo ryawe riri+.
59 Nararimbuye inzira zanje+,Kugira nsubize ibirenge vyanje ku vyibutsa vyawe+.
60 Naranyarutse, sinateba+Kugumya amabwirizwa yawe+.
61 Imigozi y’ababisha yarankikuje+.Sinibagiye itegeko ryawe+.
62 Mu gicugu ndavyuka ngo ngukengurukire+Ku bw’ingingo zawe z’ubutungane zigororotse+.
63 Ndi umugenzi w’abo bose bagutinya+,N’uw’abo bagumya amateka yawe+.
64 Ubuntu bwuzuye urukundo bwawe, ewe Yehova, bwuzuye isi+.Nunyigishe ingingo nyobozi zawe+.
ט [Teti]
65 Wagiriye neza koko umusavyi wawe+,Ewe Yehova, nk’uko ijambo ryawe riri+.
66 Nunyigishe ukumera neza+, ukwiyumvira neza+ n’ubumenyi+,Kuko nizeye amabwirizwa yawe+.
67 Imbere y’uko nshikirwa n’amarushwa, naracumura bivuye ku kwihenda+,Ariko ubu naragumije ijambo ryawe+.
68 Uri mwiza, kandi ukora ivyiza+.Nunyigishe ingingo nyobozi zawe+.
69 Abita imbere bansize ibinyoma+.Nayo jewe, nzokwubahiriza amateka yawe n’umutima wanje wose+.
70 Umutima wabo waratimvye nk’ikinure+.Nayo jewe, itegeko ryawe ndarikunda cane+.
71 Ni vyiza kuba naratejwe amarushwa+,Kugira nige ingingo nyobozi zawe+.
72 Itegeko+ ryo mu kanwa kawe rimbereye ryiza+,Kuruta ibice ibihumbi vy’inzahabu n’ifeza+.
י [Yodi]
73 Amaboko yawe ni yo yankoze, aranshimangira+.Nuntahuze, kugira nige amabwirizwa yawe+.
74 Abagutinya barambona bakanezerwa+,Kuko narindiriye ijambo ryawe+.
75 Ndazi neza, ewe Yehova, yuko ingingo zawe z’ubutungane ari ubugororotsi+Be n’uko wanteje amarushwa mu bwizigirwa+.
76 Ndakwinginze ubuntu bwuzuye urukundo bwawe bube ubwo kumpoza+,Nk’uko ijambo ryawe wabwiye umusavyi wawe riri+.
77 Imbabazi zawe nizinzeko, kugira mbandanye kubaho+;Kuko itegeko ryawe ndarikunda cane+.
78 Abita imbere nibamaramare, kuko bampubishije ata gituma+.Nayo jewe, nitwararika amateka yawe+.
79 Abagutinya nibagaruke kuri jewe+,Be n’abazi ivyibutsa vyawe+.
80 Umutima wanje nuboneke ko utagira amahinyu mu ngingo nyobozi zawe+,Kugira ngo simaramare+.
כ [Kafu]
81 Umutima wanje ugwabijwe no kwipfuza ubukiriro bwawe+;Narindiriye ijambo ryawe+.
82 Amaso yanje agwabijwe no kwipfuza ijambo ryawe+,Nanje nkavuga nti: “Uzompoza ryari+?”
83 Kuko mbaye nk’umukuza w’urushato+ mu mwotsi.Sinibagiye ingingo nyobozi zawe+.
84 Imisi y’umusavyi wawe ni ingahe+?Uzoshitsa imanza ryari ku bampama+?
85 Abita imbere bimvye ivyobo ngo bamfate+,Barya batabaho bisunga itegeko ryawe+.
86 Amabwirizwa yawe yose ni ubwizigirwa gusa+.Bampamye ata gituma. Yoo! nuntabare+!
87 Mu kanya gatoyi bari kuba baranzimanganije kw’isi+;Ariko jewe sinahevye amateka yawe+.
88 Nunzigamire ubuzima nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri+,Kugira ngumye icibutsa co mu kanwa kawe+.
ל [Lamedi]
89 Gushika igihe kitagira urugero, ewe Yehova+,Ijambo ryawe rishinzwe mu majuru+.
90 Ubwizigirwa bwawe ni ubw’iyaruka ku rindi+.Washimangiye isi, kugira igume ihagaze+.
91 Vyararagamye gushika uno musi vyisunze ingingo zawe z’ubutungane+,Kuko vyose ari abasavyi bawe+.
92 Iyo mba ntakunda cane itegeko ryawe+,Mba narazimanganiye mu marushwa yanje+.
93 Gushika igihe kitagira urugero sinzokwibagira amateka yawe+,Kuko wanzigamiye ubuzima biciye kuri yo+.
94 Ndi uwawe. Yoo! nunkize+,Kuko narondeye amateka yawe+.
95 Ababisha bandindiriye, ngo bandandure+.Nguma nerekana ko nzirikana ivyibutsa vyawe+
96 Ukutagira akanenge kwose nabonye gufise iherezo+.Ibwirizwa ryawe riragutse cane.
מ [Memu]
97 Ewe kuntu nkunda itegeko ryawe+!Ni ryo nitwararika bukarinda bwira+.
98 Ibwirizwa ryawe ringira inkerebutsi kuruta abansi banje+,Kuko ari rwanje gushika igihe kitagira urugero+.
99 Nsigaye ndusha abigisha banje bose ugutahura kwimbitse+,Kuko ivyibutsa vyawe ari ikintu nitwararika+.
100 Nkorana ugutegera kuruta abagabo b’inararibonye+,Kuko nubahirije amateka yawe+.
101 Natangiriye ibirenge vyanje ndabibuza umunyuro mubi wose+,Kugira ngumye ijambo ryawe+.
102 Sinakebeje ngo mve ku ngingo zawe z’ubutungane+,Kuko ari wewe wanyigishije+.
103 Ewe kuntu amajambo yawe yasoseye amagage yanje,Agasosera akanwa kanje kuruta ubuki+!
104 Ndabikesheje amateka yawe, nkorana ugutegera+.Ni co gituma nanse umunyuro w’ikinyoma wose+.
נ [Nuni]
105 Ijambo ryawe ni itara ry’ikirenge canje+,Rikaba n’umuco w’ibarabara ryanje+.
106 Nararahiye indahiro, kandi nzoyishitsa+,Yo kugumya ingingo zawe z’ubutungane zigororotse+.
107 Natejwe amarushwa bimwe bikomeye+.Ewe Yehova, nunzigamire ubuzima nk’uko ijambo ryawe riri+.
108 Ndakwinginze uhimbarwe n’amashikanwa atangwa ku bushake y’akanwa kanje, ewe Yehova+,Kandi unyigishe ingingo zawe z’ubutungane+.
109 Ubuzima bwanje bwama mu kaga*+;Mugabo sinibagiye itegeko ryawe+.
110 Ababisha banteze umutego+,Mugabo sinangaye ngo nte amateka yawe+.
111 Ivyibutsa vyawe nabifashe nk’ikintu nigabira gushika igihe kitagira urugero+,Kuko ari vyo mwigino w’umutima wanje+.
112 Nahengekeye umutima wanje ku gushira mu ngiro ingingo nyobozi zawe+Gushika igihe kitagira urugero, gushika kw’iherezo+.
ס [Sameki]
113 Nanse ab’umutima wigabuye+,Ariko nakunze itegeko ryawe+.
114 Uri ubwihisho bwanje n’inkinzo yanje+.Narindiriye ijambo ryawe+.
115 Mve iruhande, mwa nkozi z’ikibi mwe+,Kugira nubahirize amabwirizwa y’Imana yanje+.
116 Nunshigikire nk’uko ijambo ryawe riri, kugira mbandanye kubaho+,Kandi ntumaramaze kubera icizigiro canje+.
117 Nunshigikire, kugira nkizwe+,Kandi nzokwama nihweza ingingo nyobozi zawe+.
118 Washibuye abo bose bazimira bakava ku ngingo nyobozi zawe+;Kuko amayeri yabo ari ibinyoma gusa+.
119 Wazimanganije ababisha bose bo kw’isi nk’inkamba+.Ni co gituma nakunze ivyibutsa vyawe+.
120 Inyama zanje zahinze agashitsi kubera ukukugirira ubwoba+;Kandi kubera ingingo zawe z’ubutungane, naratinye+.
ע [ʽAyini]
121 Nashikije imanza be n’ubugororotsi+.Yoo! ntumpebere mu maboko y’abangunga+!
122 Niwishinge umusavyi wawe ku bw’iciza+.Abita imbere ntibangunge+.
123 Amaso yanje agwabijwe no kwipfuza ubukiriro bwawe+Be no kwipfuza ijambo ryawe rigororotse+.
124 Nugirire umusavyi wawe ibihuye n’ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+,Kandi unyigishe ingingo nyobozi zawe+.
125 Ndi umusavyi wawe+. Nuntahuze+,Kugira menye ivyibutsa vyawe+.
126 Ni igihe c’uko Yehova agira ico akoze+.Barenze itegeko ryawe+.
127 Ni co gituma nakunze amabwirizwa yawe+Kuruta inzahabu, emwe, inzahabu ityoroye+.
128 Ni co gituma nabonye ko amateka yose yerekeye ibintu vyose agororotse+;Nanse umunyuro w’ikinyoma wose+.
פ [Peʼ]
129 Ivyibutsa vyawe ni agatangaza+.Ni co gituma umutima wanje wavyubahirije+.
130 Ihishurwa ry’amajambo yawe ritanga umuco+,Rigatuma abantu batazi utuntu n’utundi batahura+.
131 Nataburuye akanwa kanje, kugira mpezagirike+,Kuko nacambiwe amabwirizwa yawe+.
132 Hindukirira kuri jewe, ungirire ubutoni+,Wisunze ingingo yawe y’ubutungane kuri barya bakunda izina ryawe+.
133 Nushimangire intambuko zanje mw’ijambo ryawe+,Kandi ntihagire ikibi na kimwe ciganza kuri jewe+.
134 Nuncungure unkize umuntu w’ingunge wese+,Nanje nzogumya amateka yawe+.
135 Nutume mu maso hawe hakayanganira ku musavyi wawe+,Kandi unyigishe ingingo nyobozi zawe+.
136 Imigezi y’amazi yatemvye mu maso yanje+Kubera ko batagumije itegeko ryawe+.
צ [Tsade]
137 Uri umugororotsi, ewe Yehova+,Kandi ingingo zawe z’ubutungane ziragororotse+.
138 Watanze ivyibutsa vyawe bwa tegeko+, mu bugororotsiNo mu bwizigirwa buhebuje+.
139 Ishaka ryanje ryamaze+,Kubera ko abarwanizi banje bibagiye amajambo yawe+.
140 Ijambo ryawe riratyoroye cane+,Kandi umusavyi wawe ararikunda+.
141 Nta co ndi, kandi ndagayitse+.Sinibagiye amateka yawe+.
142 Ubugororotsi bwawe ni ubugororotsi bwo gushika igihe kitagira urugero+,Kandi itegeko ryawe ni ukuri+.
143 Amarushwa n’ingorane vyaranshikiriye+.Amabwirizwa yawe narayakunda cane+.
144 Ubugororotsi bw’ivyibutsa vyawe ni ubwo gushika igihe kitagira urugero+.Nuntahuze, kugira mbandanye kubaho+.
ק [Kofu]
145 Nahamagaye n’umutima wanje wose+. Nunyishure, ewe Yehova+!Nzokwubahiriza ingingo nyobozi zawe+.
146 Narakwambaje. Yoo! nunkize+!Kandi nzogumya ivyibutsa vyawe+.
147 Navyutse kare mu bucagucagu+, kugira ntabaze+.Narindiriye amajambo yawe+.
148 Amaso yanje yitangiye imbere amaterama y’ijoro+,Kugira nitwararike ijambo ryawe+.
149 Yoo! niwumve ijwi ryanje nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri+!Ewe Yehova, nunzigamire ubuzima nk’uko ingingo yawe y’ubutungane iri+.
150 Abakurikirana ivy’ubushirasoni+ begereye;Bagiye kure y’itegeko ryawe+.
151 Uri hafi, ewe Yehova+,Kandi amabwirizwa yawe yose ni ukuri+.
152 Namenye kera bimwe mu vyibutsa vyawe+,Kuko wabishinze ngo bigumeho gushika igihe kitagira urugero+.
ר [Reshi]
153 Yoo! nubone amarushwa yanje, untabare+;Kuko ntibagiye itegeko ryawe+.
154 Yoo! niwifatire mu minwe urubanza rwanje, ungarukane+;Nunzigamire ubuzima nk’uko ijambo ryawe riri+.
155 Ubukiriro buri kure y’ababisha+,Kuko batarondeye ingingo nyobozi zawe+.
156 Imbabazi zawe ni nyinshi, ewe Yehova+!Yoo! nunzigamire ubuzima, nk’uko ingingo zawe z’ubutungane ziri+!
157 Abampama be n’abarwanizi banje ni benshi+.Sinakebeje ngo mve ku vyibutsa vyawe+.
158 Narabonye abantu b’ibihemu+,Kandi ndashishwa koko, kuko batagumije ijambo ryawe+.
159 Yoo! raba narakunze amateka yawe+!Ewe Yehova, nunzigamire ubuzima nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri+.
160 Ijambo ryawe uko riri ni ukuri+,Kandi ingingo yawe yose y’ubutungane igororotse ni iyo gushika igihe kitagira urugero+.
ש [Sini] canke [Shini]
161 Abaganwa barampamye ata gituma+,Mugabo umutima wanje wagiriye ubwoba amajambo yawe+.
162 Ndigina kubera ijambo ryawe+Kurya umuntu yigina iyo aronse isahu ryinshi+.
163 Naranse ikinyoma+, kandi nguma ndacanka urunuka+.Nakunze itegeko ryawe+.
164 Nagushemeje incuro indwi ku musi+Kubera ingingo zawe z’ubutungane zigororotse+.
165 Abakunda itegeko ryawe bagira amahoro menshi+,Kandi kuri bo nta gitsitaza kihaba+.
166 Narizigiye ubukiriro bwawe, ewe Yehova+,Kandi nashize mu ngiro amabwirizwa yawe+.
167 Umutima wanje wagumije ivyibutsa vyawe+,Kandi ndabikunda bihebuje+.
168 Nagumije amateka yawe n’ivyibutsa vyawe+,Kuko inzira zanje zose ziri imbere yawe+.
ת [Tau]
169 Akamo kanje k’ukwinginga nikegere imbere yawe, ewe Yehova+!Yoo! nuntahuze, nk’uko ijambo ryawe riri+.
170 Ugusaba ubutoni kwanje nigushike imbere yawe+.Yoo! nundokore, nk’uko ijambo ryawe riri+.
171 Iminwa yanje nidudubize ishemezo+,Kuko unyigisha ingingo nyobozi zawe+.
172 Ururimi rwanje niruririmbe ijambo ryawe+,Kuko amabwirizwa yawe yose ari ubugororotsi+.
173 Ukuboko kwawe nikumfashe+,Kuko nahisemwo amateka yawe+.
174 Nacambiwe ubukiriro bwawe, ewe Yehova+,Kandi itegeko ryawe ndarikunda cane+.
175 Ese nobandanya kubaho no kugushemeza+,Kandi ese ingingo zawe z’ubutungane zomfasha+!
176 Nangaye nk’intama yazimiye+. Yoo! rondera umusavyi wawe+,Kuko ntibagiye amabwirizwa yawe+.
Utujambo tw'epfo
^ Ijambo ku rindi ni “noroheje mu maso hawe.”
^ Ijambo ku rindi ni “mu kiganza canje.”