Zaburi 119:1-176

א [ʼAlefu] 119  Hahiriwe abatagira amahinyu mu nzira yabo+,Abagendera mw’itegeko rya Yehova+.   Hahiriwe abubahiriza ivyibutsa vyiwe+;Baguma bamurondeza umutima wose+.   Vy’ukuri, nta bitagororotse baza barakora+.Bagendeye mu nzira ziwe+.   Wewe ubwawe watanze amateka yawe bwa bwirizwa+Ngo bayagumye bavyitondeye+.   Yoo! ese iyo inzira zanje ziba zishimangiwe+Ngo ngumye ingingo nyobozi zawe+!   Ni ho ntomaramara+Igihe nihweza amabwirizwa yawe yose+.   Nzoguhaya mu kugororoka kw’umutima+,Igihe niga ingingo zawe z’ubutungane zigororotse+.   Ingingo nyobozi zawe mbandanya kuzigumya+.Yoo! ntumpebe buhere+! ב [Beti]   Mbega umusore+ azotyorora inzira yiwe gute?Mu kuguma yirinze nk’uko ijambo ryawe rivuga+.  10  Nakurondeje umutima wanje wose+.Ntutume nzimira ngo mve ku mabwirizwa yawe+.  11  Nabitse muri ntibate ijambo ryawe mu mutima wanje+,Kugira ngo singucumureko+.  12  Urahezagiwe, ewe Yehova!Nunyigishe ingingo nyobozi zawe+.  13  Namenyesheje n’iminwa yanje+Ingingo z’ubutungane zose z’akanwa kawe+.  14  Niginye mu nzira y’ivyibutsa vyawe+,Nk’uko bigina ibindi bintu vyose vy’agaciro+.  15  Nzokwitwararika amateka yawe+,Kandi nzokwihweza iminyuro yawe+.  16  Nzohimbarwa rwose n’ivyagezwe vyawe+.Sinzokwibagira ijambo ryawe+. ג [Gimelu]  17  Girira umusavyi wawe uko bibereye, kugira mbeho+No kugira ngumye ijambo ryawe+.  18  Pfukura amaso yanje, kugira nihweze+Ibintu vy’agatangaza vyo mw’itegeko ryawe+.  19  Nta kindi ndi atari kavamahanga mu gihugu+.Ntumpishe amabwirizwa yawe+.  20  Umutima wanje ujanjaguwe n’ugucambirwa+Ingingo zawe z’ubutungane igihe cose+.  21  Wahambariye abita imbere b’ibivume+,Bazimira bakava ku mabwirizwa yawe+.  22  Tembagaza iceyi n’agakengerwe bimveko+,Kuko nubahirije ivyibutsa vyawe+.  23  Mbere n’abaganwa bicaye; bavuganye bandwanya+.Nayo umusavyi wawe, yitwararika ingingo nyobozi zawe+.  24  Kandi, ivyibutsa vyawe ndabikunda cane+,Ni nk’abagabo bangira inama+. ד [Daleti]  25  Ubuzima bwanje bumase ku mukungugu+.Nunzigame nk’uko ijambo ryawe riri+.  26  Namenyesheje inzira zanje, kugira unyishure+.Nunyigishe ingingo nyobozi zawe+.  27  Nuntahuze inzira y’amateka yawe+,Kugira nitwararike ibikorwa vyawe vy’agatangaza+.  28  Umutima wanje wabuze agatiro kubera intuntu+.Numpagurutse nk’uko ijambo ryawe riri+.  29  Nunkureko inzira y’ikinyoma+,Untoneshe ukoresheje itegeko ryawe+.  30  Nahisemwo inzira y’ubwizigirwa+.Ingingo zawe z’ubutungane nabonye ko zibereye+.  31  Numiye ku vyibutsa vyawe+.Ewe Yehova, ntumaramaze+.  32  Nzokwiruka mu nzira y’amabwirizwa yawe+,Kuko utuma umutima wanje wagukirwa+. ה [Heʼ]  33  Nunyigishe, ewe Yehova, inzira y’ingingo nyobozi zawe+,Kugira ndayubahirize gushika kw’iherezo+.  34  Nuntahuze, kugira nubahirize itegeko ryawe+No kugira ndarigumye n’umutima wanje wose+.  35  Nutume ngendera mu munyuro w’amabwirizwa yawe+,Kuko nahimbawe na wo+.  36  Hengekera umutima wanje ku vyibutsa vyawe+,Ntuwuhengekere ku nyungu+.  37  Nutume amaso yanje arengana ntabone ibitagira akamaro+;Nunzigamire ubuzima mu nzira yawe+.  38  Nushitse ku musavyi wawe ijambo ryawe+Riganisha ku kugutinya+.  39  Nutume iceyi canje gihita, ari co nagiriye ubwoba+,Kuko ingingo zawe z’ubutungane ari nziza+.  40  Raba! Naracambiwe amateka yawe+.Mu bugororotsi bwawe, nunzigamire ubuzima+. ו [Vau]  41  Ibikorwa vyawe vy’ubuntu bwuzuye urukundo nibinzeko, ewe Yehova+,Ubukiriro bwawe bunzeko nk’uko ijambo ryawe riri+,  42  Kugira nishurishe ijambo uwunsiga iceyi+,Kuko nizigiye ijambo ryawe+.  43  Ntukūre rwose mu kanwa kanje ijambo ry’ukuri+,Kuko narindiriye ingingo yawe y’ubutungane+.  44  Nzogumya itegeko ryawe nantaryo+,Gushika igihe kitagira urugero, emwe, ibihe bidahera+.  45  Nzogendagenda ahantu hagutse+,Kuko narondeye amateka yawe+.  46  Nzoyaga kandi ivyibutsa vyawe imbere y’abami+,Kandi sinzomaramara+.  47  Nzohimbarwa rwose n’amabwirizwa yawe+Nakunze+.  48  Nzoduza ibiganza vyanje ndavyerekeza ku mabwirizwa yawe nakunze+,Kandi nzokwitwararika ingingo nyobozi zawe+. ז [Zayini]  49  Niwibuke rya jambo wabwiye umusavyi wawe+,Iryo wandindirije+.  50  Urwo ni rwo ruhoza rwanje mu marushwa yanje+,Kuko ijambo ryawe ryanzigamiye ubuzima+.  51  Abita imbere bantwengeye mw’ijigo bimwe birengeje+.Sinakebeje ngo nte itegeko ryawe+.  52  Naributse ingingo zawe z’ubutungane zo kuva igihe kitagira urugero, ewe Yehova+,Kandi ndironkera uruhoza+.  53  Umururumbo w’ubushangashirwe waramfashe kubera ababisha+Baheba itegeko ryawe+.  54  Ingingo nyobozi zawe zacitse uduhibongozo kuri jewe+Mu nzu mbamwo ndi kavamahanga+.  55  Mw’ijoro naributse izina ryawe, ewe Yehova+,Kugira ngumye itegeko ryawe+.  56  Emwe, ivyo vyacitse rwanje,Kuko nubahirije amateka yawe+. ח [Heti]  57  Yehova ni we muturi wanje+;Nasezeranye kugumya amajambo yawe+.  58  Nagutakambiye* n’umutima wanje wose+.Nungirire ubutoni nk’uko ijambo ryawe riri+.  59  Nararimbuye inzira zanje+,Kugira nsubize ibirenge vyanje ku vyibutsa vyawe+.  60  Naranyarutse, sinateba+Kugumya amabwirizwa yawe+.  61  Imigozi y’ababisha yarankikuje+.Sinibagiye itegeko ryawe+.  62  Mu gicugu ndavyuka ngo ngukengurukire+Ku bw’ingingo zawe z’ubutungane zigororotse+.  63  Ndi umugenzi w’abo bose bagutinya+,N’uw’abo bagumya amateka yawe+.  64  Ubuntu bwuzuye urukundo bwawe, ewe Yehova, bwuzuye isi+.Nunyigishe ingingo nyobozi zawe+. ט [Teti]  65  Wagiriye neza koko umusavyi wawe+,Ewe Yehova, nk’uko ijambo ryawe riri+.  66  Nunyigishe ukumera neza+, ukwiyumvira neza+ n’ubumenyi+,Kuko nizeye amabwirizwa yawe+.  67  Imbere y’uko nshikirwa n’amarushwa, naracumura bivuye ku kwihenda+,Ariko ubu naragumije ijambo ryawe+.  68  Uri mwiza, kandi ukora ivyiza+.Nunyigishe ingingo nyobozi zawe+.  69  Abita imbere bansize ibinyoma+.Nayo jewe, nzokwubahiriza amateka yawe n’umutima wanje wose+.  70  Umutima wabo waratimvye nk’ikinure+.Nayo jewe, itegeko ryawe ndarikunda cane+.  71  Ni vyiza kuba naratejwe amarushwa+,Kugira nige ingingo nyobozi zawe+.  72  Itegeko+ ryo mu kanwa kawe rimbereye ryiza+,Kuruta ibice ibihumbi vy’inzahabu n’ifeza+. י [Yodi]  73  Amaboko yawe ni yo yankoze, aranshimangira+.Nuntahuze, kugira nige amabwirizwa yawe+.  74  Abagutinya barambona bakanezerwa+,Kuko narindiriye ijambo ryawe+.  75  Ndazi neza, ewe Yehova, yuko ingingo zawe z’ubutungane ari ubugororotsi+Be n’uko wanteje amarushwa mu bwizigirwa+.  76  Ndakwinginze ubuntu bwuzuye urukundo bwawe bube ubwo kumpoza+,Nk’uko ijambo ryawe wabwiye umusavyi wawe riri+.  77  Imbabazi zawe nizinzeko, kugira mbandanye kubaho+;Kuko itegeko ryawe ndarikunda cane+.  78  Abita imbere nibamaramare, kuko bampubishije ata gituma+.Nayo jewe, nitwararika amateka yawe+.  79  Abagutinya nibagaruke kuri jewe+,Be n’abazi ivyibutsa vyawe+.  80  Umutima wanje nuboneke ko utagira amahinyu mu ngingo nyobozi zawe+,Kugira ngo simaramare+. כ [Kafu]  81  Umutima wanje ugwabijwe no kwipfuza ubukiriro bwawe+;Narindiriye ijambo ryawe+.  82  Amaso yanje agwabijwe no kwipfuza ijambo ryawe+,Nanje nkavuga nti: “Uzompoza ryari+?”  83  Kuko mbaye nk’umukuza w’urushato+ mu mwotsi.Sinibagiye ingingo nyobozi zawe+.  84  Imisi y’umusavyi wawe ni ingahe+?Uzoshitsa imanza ryari ku bampama+?  85  Abita imbere bimvye ivyobo ngo bamfate+,Barya batabaho bisunga itegeko ryawe+.  86  Amabwirizwa yawe yose ni ubwizigirwa gusa+.Bampamye ata gituma. Yoo! nuntabare+!  87  Mu kanya gatoyi bari kuba baranzimanganije kw’isi+;Ariko jewe sinahevye amateka yawe+.  88  Nunzigamire ubuzima nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri+,Kugira ngumye icibutsa co mu kanwa kawe+. ל [Lamedi]  89  Gushika igihe kitagira urugero, ewe Yehova+,Ijambo ryawe rishinzwe mu majuru+.  90  Ubwizigirwa bwawe ni ubw’iyaruka ku rindi+.Washimangiye isi, kugira igume ihagaze+.  91  Vyararagamye gushika uno musi vyisunze ingingo zawe z’ubutungane+,Kuko vyose ari abasavyi bawe+.  92  Iyo mba ntakunda cane itegeko ryawe+,Mba narazimanganiye mu marushwa yanje+.  93  Gushika igihe kitagira urugero sinzokwibagira amateka yawe+,Kuko wanzigamiye ubuzima biciye kuri yo+.  94  Ndi uwawe. Yoo! nunkize+,Kuko narondeye amateka yawe+.  95  Ababisha bandindiriye, ngo bandandure+.Nguma nerekana ko nzirikana ivyibutsa vyawe+  96  Ukutagira akanenge kwose nabonye gufise iherezo+.Ibwirizwa ryawe riragutse cane. מ [Memu]  97  Ewe kuntu nkunda itegeko ryawe+!Ni ryo nitwararika bukarinda bwira+.  98  Ibwirizwa ryawe ringira inkerebutsi kuruta abansi banje+,Kuko ari rwanje gushika igihe kitagira urugero+.  99  Nsigaye ndusha abigisha banje bose ugutahura kwimbitse+,Kuko ivyibutsa vyawe ari ikintu nitwararika+. 100  Nkorana ugutegera kuruta abagabo b’inararibonye+,Kuko nubahirije amateka yawe+. 101  Natangiriye ibirenge vyanje ndabibuza umunyuro mubi wose+,Kugira ngumye ijambo ryawe+. 102  Sinakebeje ngo mve ku ngingo zawe z’ubutungane+,Kuko ari wewe wanyigishije+. 103  Ewe kuntu amajambo yawe yasoseye amagage yanje,Agasosera akanwa kanje kuruta ubuki+! 104  Ndabikesheje amateka yawe, nkorana ugutegera+.Ni co gituma nanse umunyuro w’ikinyoma wose+. נ [Nuni] 105  Ijambo ryawe ni itara ry’ikirenge canje+,Rikaba n’umuco w’ibarabara ryanje+. 106  Nararahiye indahiro, kandi nzoyishitsa+,Yo kugumya ingingo zawe z’ubutungane zigororotse+. 107  Natejwe amarushwa bimwe bikomeye+.Ewe Yehova, nunzigamire ubuzima nk’uko ijambo ryawe riri+. 108  Ndakwinginze uhimbarwe n’amashikanwa atangwa ku bushake y’akanwa kanje, ewe Yehova+,Kandi unyigishe ingingo zawe z’ubutungane+. 109  Ubuzima bwanje bwama mu kaga*+;Mugabo sinibagiye itegeko ryawe+. 110  Ababisha banteze umutego+,Mugabo sinangaye ngo nte amateka yawe+. 111  Ivyibutsa vyawe nabifashe nk’ikintu nigabira gushika igihe kitagira urugero+,Kuko ari vyo mwigino w’umutima wanje+. 112  Nahengekeye umutima wanje ku gushira mu ngiro ingingo nyobozi zawe+Gushika igihe kitagira urugero, gushika kw’iherezo+. ס [Sameki] 113  Nanse ab’umutima wigabuye+,Ariko nakunze itegeko ryawe+. 114  Uri ubwihisho bwanje n’inkinzo yanje+.Narindiriye ijambo ryawe+. 115  Mve iruhande, mwa nkozi z’ikibi mwe+,Kugira nubahirize amabwirizwa y’Imana yanje+. 116  Nunshigikire nk’uko ijambo ryawe riri, kugira mbandanye kubaho+,Kandi ntumaramaze kubera icizigiro canje+. 117  Nunshigikire, kugira nkizwe+,Kandi nzokwama nihweza ingingo nyobozi zawe+. 118  Washibuye abo bose bazimira bakava ku ngingo nyobozi zawe+;Kuko amayeri yabo ari ibinyoma gusa+. 119  Wazimanganije ababisha bose bo kw’isi nk’inkamba+.Ni co gituma nakunze ivyibutsa vyawe+. 120  Inyama zanje zahinze agashitsi kubera ukukugirira ubwoba+;Kandi kubera ingingo zawe z’ubutungane, naratinye+. ע [ʽAyini] 121  Nashikije imanza be n’ubugororotsi+.Yoo! ntumpebere mu maboko y’abangunga+! 122  Niwishinge umusavyi wawe ku bw’iciza+.Abita imbere ntibangunge+. 123  Amaso yanje agwabijwe no kwipfuza ubukiriro bwawe+Be no kwipfuza ijambo ryawe rigororotse+. 124  Nugirire umusavyi wawe ibihuye n’ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+,Kandi unyigishe ingingo nyobozi zawe+. 125  Ndi umusavyi wawe+. Nuntahuze+,Kugira menye ivyibutsa vyawe+. 126  Ni igihe c’uko Yehova agira ico akoze+.Barenze itegeko ryawe+. 127  Ni co gituma nakunze amabwirizwa yawe+Kuruta inzahabu, emwe, inzahabu ityoroye+. 128  Ni co gituma nabonye ko amateka yose yerekeye ibintu vyose agororotse+;Nanse umunyuro w’ikinyoma wose+. פ [Peʼ] 129  Ivyibutsa vyawe ni agatangaza+.Ni co gituma umutima wanje wavyubahirije+. 130  Ihishurwa ry’amajambo yawe ritanga umuco+,Rigatuma abantu batazi utuntu n’utundi batahura+. 131  Nataburuye akanwa kanje, kugira mpezagirike+,Kuko nacambiwe amabwirizwa yawe+. 132  Hindukirira kuri jewe, ungirire ubutoni+,Wisunze ingingo yawe y’ubutungane kuri barya bakunda izina ryawe+. 133  Nushimangire intambuko zanje mw’ijambo ryawe+,Kandi ntihagire ikibi na kimwe ciganza kuri jewe+. 134  Nuncungure unkize umuntu w’ingunge wese+,Nanje nzogumya amateka yawe+. 135  Nutume mu maso hawe hakayanganira ku musavyi wawe+,Kandi unyigishe ingingo nyobozi zawe+. 136  Imigezi y’amazi yatemvye mu maso yanje+Kubera ko batagumije itegeko ryawe+. צ [Tsade] 137  Uri umugororotsi, ewe Yehova+,Kandi ingingo zawe z’ubutungane ziragororotse+. 138  Watanze ivyibutsa vyawe bwa tegeko+, mu bugororotsiNo mu bwizigirwa buhebuje+. 139  Ishaka ryanje ryamaze+,Kubera ko abarwanizi banje bibagiye amajambo yawe+. 140  Ijambo ryawe riratyoroye cane+,Kandi umusavyi wawe ararikunda+. 141  Nta co ndi, kandi ndagayitse+.Sinibagiye amateka yawe+. 142  Ubugororotsi bwawe ni ubugororotsi bwo gushika igihe kitagira urugero+,Kandi itegeko ryawe ni ukuri+. 143  Amarushwa n’ingorane vyaranshikiriye+.Amabwirizwa yawe narayakunda cane+. 144  Ubugororotsi bw’ivyibutsa vyawe ni ubwo gushika igihe kitagira urugero+.Nuntahuze, kugira mbandanye kubaho+. ק [Kofu] 145  Nahamagaye n’umutima wanje wose+. Nunyishure, ewe Yehova+!Nzokwubahiriza ingingo nyobozi zawe+. 146  Narakwambaje. Yoo! nunkize+!Kandi nzogumya ivyibutsa vyawe+. 147  Navyutse kare mu bucagucagu+, kugira ntabaze+.Narindiriye amajambo yawe+. 148  Amaso yanje yitangiye imbere amaterama y’ijoro+,Kugira nitwararike ijambo ryawe+. 149  Yoo! niwumve ijwi ryanje nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri+!Ewe Yehova, nunzigamire ubuzima nk’uko ingingo yawe y’ubutungane iri+. 150  Abakurikirana ivy’ubushirasoni+ begereye;Bagiye kure y’itegeko ryawe+. 151  Uri hafi, ewe Yehova+,Kandi amabwirizwa yawe yose ni ukuri+. 152  Namenye kera bimwe mu vyibutsa vyawe+,Kuko wabishinze ngo bigumeho gushika igihe kitagira urugero+. ר [Reshi] 153  Yoo! nubone amarushwa yanje, untabare+;Kuko ntibagiye itegeko ryawe+. 154  Yoo! niwifatire mu minwe urubanza rwanje, ungarukane+;Nunzigamire ubuzima nk’uko ijambo ryawe riri+. 155  Ubukiriro buri kure y’ababisha+,Kuko batarondeye ingingo nyobozi zawe+. 156  Imbabazi zawe ni nyinshi, ewe Yehova+!Yoo! nunzigamire ubuzima, nk’uko ingingo zawe z’ubutungane ziri+! 157  Abampama be n’abarwanizi banje ni benshi+.Sinakebeje ngo mve ku vyibutsa vyawe+. 158  Narabonye abantu b’ibihemu+,Kandi ndashishwa koko, kuko batagumije ijambo ryawe+. 159  Yoo! raba narakunze amateka yawe+!Ewe Yehova, nunzigamire ubuzima nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri+. 160  Ijambo ryawe uko riri ni ukuri+,Kandi ingingo yawe yose y’ubutungane igororotse ni iyo gushika igihe kitagira urugero+. ש [Sini] canke [Shini] 161  Abaganwa barampamye ata gituma+,Mugabo umutima wanje wagiriye ubwoba amajambo yawe+. 162  Ndigina kubera ijambo ryawe+Kurya umuntu yigina iyo aronse isahu ryinshi+. 163  Naranse ikinyoma+, kandi nguma ndacanka urunuka+.Nakunze itegeko ryawe+. 164  Nagushemeje incuro indwi ku musi+Kubera ingingo zawe z’ubutungane zigororotse+. 165  Abakunda itegeko ryawe bagira amahoro menshi+,Kandi kuri bo nta gitsitaza kihaba+. 166  Narizigiye ubukiriro bwawe, ewe Yehova+,Kandi nashize mu ngiro amabwirizwa yawe+. 167  Umutima wanje wagumije ivyibutsa vyawe+,Kandi ndabikunda bihebuje+. 168  Nagumije amateka yawe n’ivyibutsa vyawe+,Kuko inzira zanje zose ziri imbere yawe+. ת [Tau] 169  Akamo kanje k’ukwinginga nikegere imbere yawe, ewe Yehova+!Yoo! nuntahuze, nk’uko ijambo ryawe riri+. 170  Ugusaba ubutoni kwanje nigushike imbere yawe+.Yoo! nundokore, nk’uko ijambo ryawe riri+. 171  Iminwa yanje nidudubize ishemezo+,Kuko unyigisha ingingo nyobozi zawe+. 172  Ururimi rwanje niruririmbe ijambo ryawe+,Kuko amabwirizwa yawe yose ari ubugororotsi+. 173  Ukuboko kwawe nikumfashe+,Kuko nahisemwo amateka yawe+. 174  Nacambiwe ubukiriro bwawe, ewe Yehova+,Kandi itegeko ryawe ndarikunda cane+. 175  Ese nobandanya kubaho no kugushemeza+,Kandi ese ingingo zawe z’ubutungane zomfasha+! 176  Nangaye nk’intama yazimiye+. Yoo! rondera umusavyi wawe+,Kuko ntibagiye amabwirizwa yawe+.

Utujambo tw'epfo

Ijambo ku rindi ni “noroheje mu maso hawe.”
Ijambo ku rindi ni “mu kiganza canje.”