Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 116:1-19

116  Nduzura urukundo, kuko Yehova yumva+ Ijwi ryanje, ukwinginga kwanje+.   Kuko yanteze ugutwi+, Kandi mu misi yanje yose, nzohamagara+.   Imigozi y’urupfu yarankikuje+, Amarushwa y’ukuzimu yaranshikiriye+. Naguma nshikirwa n’amarushwa be n’intuntu+.   Mugabo nambaje izina rya Yehova+ nti: “Aaa! Yehova we, kiza ubuzima bwanje+!”   Yehova ni umunyempuhwe n’umugororotsi+; Kandi Imana yacu ni Imana igira imbabazi+.   Yehova ararinda abantu batazi utuntu n’utundi+. Nari nifumbereje, na we arankiza+.   Mutima wanje, subira ahantu hawe h’ukuruhukira+, Kuko Yehova ubwiwe yagukoreye ibibereye+.   Kuko watabaye ubuzima bwanje ukabukiza urupfu+, Ijisho ryanje ukarikiza amosozi, ikirenge canje ukagikiza gutsitara+.   Nzogendera+ imbere ya Yehova mu bihugu vy’abazima+. 10  Narizeye+, kuko navuze+. Jewe nari mu marushwa menshi. 11  Jewe, igihe nari nataye umutwe, navuze+ nti: “Umuntu wese ni umubeshi+.” 12  Nzokwishura iki Yehova+ Ku vyiza vyose angirira+? 13  Nzotora igikombe c’ubukiriro buhambaye+, Kandi nzokwambaza izina rya Yehova+. 14  Nzoshitsa indagano zanje kuri Yehova+, Egome, imbere y’abantu biwe bose. 15  Urupfu rw’intahemuka za Yehova Ni urw’agaciro mu maso yiwe+. 16  Aaa! Ewe Yehova+, Erega ndi umusavyi wawe+. Ndi umusavyi wawe, umwana w’umushumbakazi wawe+. Watekuruye imizana yanje+. 17  Nzogushikanira ikimazi c’ugukenguruka+, Kandi nzokwambaza izina rya Yehova+. 18  Nzoshitsa indagano zanje kuri Yehova+, Egome, imbere y’abantu biwe bose+, 19  Mu bigo vy’inzu ya Yehova+, Hagati muri wewe, ewe Yeruzalemu+! Shemeze Ya+!

Amakuru yiyongereye