Zaburi 115:1-18

115  Twebwe nta co dufise, ewe Yehova, twebwe nta co dufise+,Mugabo nuhe izina ryawe ubuninahazwa+Nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri, nk’uko ukuri kwawe kuri+.   Kubera iki amahanga yovuga ngo+:“None Imana yabo iri hehe+?”   Mugabo Imana yacu iri mu majuru+;Ivyo yahimbawe no gukora vyose, yarabikoze+.   Ibigirwamana vyabo ni ifeza n’inzahabu+,Igikorwa c’amaboko y’umuntu yakuwe mw’ivu+.   Umunwa birafise, mugabo ntibishobora kuvuga+;Amaso birafise, mugabo ntibishobora kubona+;   Amatwi birafise, mugabo ntibishobora kwumva+.Izuru birafise, mugabo ntibishobora kumoterwa+.   Amaboko biri na yo, mugabo ntibishobora gukorakora+.Ibirenge biri na vyo, mugabo ntibishobora gutambuka+;Nta jwi bisohora n’umuhogo wavyo+.   Ababikora bazomera nka vyo+,Egome, abo bose bavyizigira+.   Ewe Isirayeli, niwizigire Yehova+;Ni we mutabazi wabo n’inkinzo yabo+. 10  Ewe nzu ya Aroni, nimushire ivyizigiro vyanyu muri Yehova+;Ni we mutabazi wabo n’inkinzo yabo+. 11  Mwebwe abatinya Yehova, nimwizigire Yehova+;Ni we mutabazi wabo n’inkinzo yabo+. 12  Yehova ubwiwe yatwibutse; azohezagira+,Azohezagira inzu ya Isirayeli+,Azohezagira inzu ya Aroni+. 13  Yehova azohezagira abamutinya+,Abato n’abahambaye+. 14  Yehova azobaha iyongerekana+,Mwebwe n’abana banyu+. 15  Muri abahezagiwe na Yehova+,Wa Muhinguzi w’ijuru n’isi+. 16  Ku biraba amajuru, amajuru ni aya Yehova+,Mugabo isi yayihaye abana b’abantu+. 17  Abapfuye ubwabo ntibashemeza Ya+,Habe n’umwe mu bamanuka baja ahantu h’agacerere+. 18  Mugabo twebwe tuzohezagira Ya+Kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero+.Shemeze Ya+!

Utujambo tw'epfo