Zaburi 114:1-8
114 Igihe Isirayeli yasohoka ikava mu Misiri+,Inzu ya Yakobo ikava mu gisata c’abantu kivuga ibitumvikana+,
2 Yuda yacitse ahantu heranda hiwe+,Isirayeli icika inganji ihambaye yiwe+.
3 Ikiyaga ubwaco carabibonye kirahunga+;Nayo Yorodani, itangura gusubira inyuma+.
4 Imisozi ubwayo yarikinye amatavu nk’impfizi z’intama+,Imirambi na yo nk’imyagazi y’intama.
5 Vyagenze gute ngo uhunge, ga wa kiyaga+?Ewe Yorodani, vyagenze gute ngo usubire inyuma+?
6 Emwe misozi, vyagenze gute ngo mwikine amatavu nk’impfizi z’intama+,Emwe mirambi, ngo mwikine amatavu nk’imyagazi y’intama+?
7 Kubera Umukama, nugire ububabare bukaze, wa si we+,Kubera Imana ya Yakobo,
8 Imwe ihindura igitandara ikidengeri c’amazi cuzuyeko amarenga+,Igitandara c’isare ikagihindura imbizi y’amazi+.