Zaburi 113:1-9

113  Shemeze Ya+!Nimushikane ishemezo, yemwe basavyi ba Yehova+,Mushemeze izina rya Yehova+.   Izina rya Yehova riragahezagirwa+Kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero+.   Kuva iyo izuba rirasira gushika iyo rirengera+,Izina rya Yehova ni iryo gushemezwa+.   Yehova acitse uwuri hejuru cane y’amahanga yose+;Ubuninahazwa bwiwe buri hejuru y’amajuru+.   Ni nde ameze nka Yehova Imana yacu+,We yibera iyo hejuru+?   Arimanura ngo yitegereze ijuru n’isi+,   Akaduza umuntu mutoyi amukuye mu mukungugu+;Ashira hejuru umworo amukuye mu kinogo c’umunyota+,   Kugira amwicarike hamwe n’abanyacubahiro+,Hamwe n’abanyacubahiro bo mu bantu biwe+.   Aha umugore w’ingumba kwibera mu nzu+Ari nyina w’abana anezerewe+.Shemeze Ya+!

Utujambo tw'epfo