Zaburi 113:1-9
113 Shemeze Ya+!Nimushikane ishemezo, yemwe basavyi ba Yehova+,Mushemeze izina rya Yehova+.
2 Izina rya Yehova riragahezagirwa+Kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero+.
3 Kuva iyo izuba rirasira gushika iyo rirengera+,Izina rya Yehova ni iryo gushemezwa+.
4 Yehova acitse uwuri hejuru cane y’amahanga yose+;Ubuninahazwa bwiwe buri hejuru y’amajuru+.
5 Ni nde ameze nka Yehova Imana yacu+,We yibera iyo hejuru+?
6 Arimanura ngo yitegereze ijuru n’isi+,
7 Akaduza umuntu mutoyi amukuye mu mukungugu+;Ashira hejuru umworo amukuye mu kinogo c’umunyota+,
8 Kugira amwicarike hamwe n’abanyacubahiro+,Hamwe n’abanyacubahiro bo mu bantu biwe+.
9 Aha umugore w’ingumba kwibera mu nzu+Ari nyina w’abana anezerewe+.Shemeze Ya+!