Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 112:1-10

112  Shemeze Ya+! א [ʼAlefu]Hahiriwe umuntu atinya Yehova+,ב [Beti]Yahimbawe cane+ n’amabwirizwa yiwe+. ג [Gimelu]   Uruvyaro rwiwe ruzogira inkomezi mw’isi+. ד [Daleti]Nayo iyaruka ry’abagororotse, rizohezagirwa+. ה [Heʼ]   Ibintu vy’agaciro n’ubutunzi biri mu nzu yiwe+;ו [Vau]Kandi ubugororotsi bwiwe bwamaho ibihe bidahera+. ז [Zayini]   Yarabije mu mwiza nk’umuco ku bagororotse+. ח [Heti]Ni umunyempuhwe n’umunyembabazi n’umugororotsi+. ט [Teti]   Umuntu w’umunyempuhwe+ kandi aguranana ni mwiza+. י [Yodi]Ivyiwe abishigikiza ubutungane+. כ [Kafu]   Kuko atazokwigera anyiganyizwa+. ל [Lamedi]Umugororotsi azoguma yibukwa gushika igihe kitagira urugero+. מ [Memu]   Mbere n’inkuru mbi ntazoyitinya+. נ [Nuni]Umutima wiwe urahamye+, wahawe kwizigira Yehova+. ס [Sameki]   Umutima wiwe ntushobora kunyiganyizwa+; ntazotinya+,ע [ʽAyini]Gushika yitegereje abarwanizi biwe+. פ [Peʼ]   Yaratanze cane; yarahaye aboro+. צ [Tsade]Ubugororotsi bwiwe bwamaho ibihe bidahera+. ק [Kofu]Ihembe ryiwe rizoshirwa hejuru mu buninahazwa+. ר [Reshi] 10  Umubisha azobibona kamurye koko+. ש [Sini]Azohekenya amenyo, ashonge ata kabuza+. ת [Tau]Icipfuzo c’ababisha kizoyogera+.

Amakuru yiyongereye