Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 111:1-10

111  Shemeze Ya+!א [ʼAlefu]Nzohaya Yehova n’umutima wanje wose+ב [Beti]Mu mugwi w’abagenzi somambike+ bagororotse no mw’ikoraniro+. ג [Gimelu]   Ibikorwa vya Yehova birahambaye+,ד [Daleti]Bironderwa n’abo bose bahimbarwa na vyo+. ה [Heʼ]   Igikorwa ciwe+ ni iteka n’ubwiza bwakaka+,ו [Vau]Ubugororotsi bwiwe na bwo bwamaho ibihe bidahera+. ז [Zayini]   Yashiriyeho icibutso ibikorwa vyiwe vy’agatangaza+. ח [Heti]Yehova ni umunyempuhwe n’umunyembabazi+. ט [Teti]   Yahaye ibifungurwa abamutinya+. י [Yodi]Azokwibuka isezerano ryiwe ibihe vyose+. כ [Kafu]   Yahishuriye abantu biwe ububasha bw’ibikorwa vyiwe+,ל [Lamedi]Mu kubaha intoranwa y’amahanga+. מ [Memu]   Ibikorwa vy’amaboko yiwe ni ukuri be n’ubutungane+;נ [Nuni]Amateka atanga yose ni ayo kwizigirwa+, ס [Sameki]   Ashigikiwe ibihe bidahera, gushika igihe kitagira urugero+,ע [ʽAyini]Yatunganijwe mu kuri no mu kugororoka+. פ [Peʼ]   Yarungikiye abantu biwe ugucungurwa+. צ [Tsade]Yategetse isezerano ryiwe kugumaho gushika igihe kitagira urugero+. ק [Kofu]Izina ryiwe ni ryeranda kandi rirateye ubwoba+. ר [Reshi] 10  Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi+. ש [Sini]Abashitsa amateka yiwe bose bafise ugutahura nyakwo+. ת [Tau]Ishemezo ryiwe ryamaho ibihe bidahera+.

Amakuru yiyongereye