Zaburi 110:1-7

Ni izaburi ya Dawidi. Agahibongozo. 110  Ijambo Yehova abwira Umukama wanje ni iri+:“Icara iburyo bwanje+,Gushika ngize abansi bawe nk’intebe y’ibirenge vyawe+.”   Inkoni+ y’inkomezi zawe Yehova azoyirungika ari i Siyoni+, ati:“Genda uganze hagati y’abansi bawe+.”   Abantu bawe+ bazokwitanga babikunze+ ku musi w’inteko zawe za gisirikare+.Mu bwiza bwakaka bw’ubweranda+, ufise igitero cawe c’imisore nk’amama y’ikime,Bakaza bavuye mu gitereko c’umutwenzi+.   Yehova yararahiye+ (kandi ntazokwicuza+), ati:“Uri umuherezi gushika igihe kitagira urugero+Mu buryo bwa Melekisedeki+!”   Yehova ubwiwe iruhande y’ukuryo kwawe+Azomenagura koko abami ku musi w’ishavu ryiwe+.   Azoshitsa imanza hagati mu mahanga+;Azokwuzuza hose imivyimba+.Azomenagura umukuru agaba igihugu c’abantu benshi+.   Mu nzira, azonywa ku mwonga+.Ni co gituma azoduza hejuru umutwe wiwe+.

Utujambo tw'epfo